Abalewi 6
6
Ikimazi co gutangirwa icaha c’ubugunge
1Uhoraho abarira Mose, 2#Kuv 22:7, 10; Lew 19:11, 13; Guh 5:6.ati Ni hagira umuntu akora icaha, akancumurako, jewe Uhoraho, akagunga mugenzi we mu vyo yamubikije, canke ku ngwati yamugwatirije, canke mu vyo yambuye, cank’ akanyaga mugenzi we ku gahahazo, 3#Lew 19:12; Gus 22:1-3; Zek 5:4.cank’ akabona icazimiye, akakigunga, akakirahira ibinyoma; ni hagira ikintu na kimwe mur’ ivyo vyose umuntu azokora, agakora icaha ubgo buryo; 4iy’ akoze ico caha, akumva kw atsinzwe, az’ arihe ico yambuye, cank’ ico yaronkeshejwe n’agahahazo, cank’ ico yabikijwe, cank’ icari cazimiye yatoye, 5#Guh 5:7; 2 Sam 12:6; Luk 19:8.cank’ ikindi kintu cose yarahiye ibinyoma; az’ akirihe uko kingana, kand’ akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco: akirihe ina co ku musi nyene azotangakw ikimazi c’impongano. 6#Lew 5:18.Anzanire ico kimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira gikwiranye n’ikimazi c’impongano; agishire umuherezi. 7Umuherezi aheze amuhongerere imbere yanje, na we azoharirwa ico yakoze cose camutsindishije.
Ayandi mabgirizwa yo ku vy’ikimazi coswa
8Uhoraho abarira Mose, 9ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Iki ni co cagezwe ku vy’ikimazi coswa: kize gihore kiba ku nkwi zaco ku gicaniro, kirāreho buce: umuriro wo ku gicaniro uze wame waka. 10#Lew 1:16; 16:4; Ezk 44:18.Maz’ umuherezi yambare wa mwambaro wiwe wera derere, na rya butura ryiwe ryera derere aryambike ubgambure bgiwe; aheze ayore umunyota w’ ikimazi coshejwe, ic’ umuriro watōngōreye ku gicaniro, awufashe i ruhande y’igicaniro. 11#Ezk 44:19.Maze yambure iyo myambaro yiwe, yambare iyindi, aheze aje gusēsa uyo munyota inyuma y’aho mushagaje, ahantu hadahumanye. 12#Lew 3:3-5.Nuk’ umuriro wo ku gicaniro uze wame waka, ntuzime; umuherezi aze yame awucana, awurundekw inkwi uko bukeye, aheze azigerekekw ivy’ ikimazi co kwoswa, acoserezekw ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe. 13Umuriro uze wame waka ku gicaniro udahengeshanya, ntuz’ uzime.
Ayandi mabgirizwa yo ku vy’ishikanwa ry’amafu
14 #
Lew 2:1. Iki ni co cagezwe ku vy’ ishikanwa ry’amafu: bene Aroni baze barihereze bar’ aho nyene imbere yanje, imbere y’igicaniro. 15#Lew 2:2.Umuherezi aheze akamate urushi rumwe kur’ iyo fu igogōretse y’iryo shikanwa, no ku mavuta yo kuri yo, n’imibavu yose igeretse kur’ iryo shikanwa ry’ifu, avyosereze ku gicaniro kuba umubabge umota neza, bimbere icibutso caryo. 16#Lew 10:12, 13.Ibisigaye kuri vyo Aroni n’abana biwe babirye, babirye bitambiwe, babirīre ahantu hēra, mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro abe ari ho babirīra. 17#Lew 2:3, 11; 6:25, 29; 7:1; Guh 18:9.Ntibaze babicumbane n’umwambiro. Ndabibahaye, bibe umugabane wabo ku mashikanwa nshikanirwa atōngōrwa n’umuriro; n’ivyera cane, nk’ukw ikimazi gitangirwa ivyaha kimeze, bo n’ic’ impongano. 18#Kuv 29:37; 30:29; Guh 18:10.Izinamuhungu wese wo muri bene Aroni yemererwa kubiryako; bibaye umwanya wabo w’intahava, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, wo ku mashikanwa nshikanirwa atōngōrwa n’umuriro; ūzobikorako wese azoba abaye uwera, abe inyegu yavyo.
19Uhoraho abarira Mose, 20at’ Iri ni ryo shikanwa rya Aroni n’abana biwe, bakwiye kuzokwama banshikanira, uhereye ku musi Aroni azorobanuzwa amavuta: ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu igogōretse, ngo kize kibe ishikanwa ry’ifu ry’ubudasība; igice cayo kize gishikanwe mu gitondo, ikindi ku mugoroba. 21#Lew 2:5; 7:12.Baze bayivangire n’amavuta ya elayo ku cuma gikaranga; ni yamara guhwana, bayizane;#6:21 bayizane; baze batange: mu Giheburayo handitswe ng’ uyizane; uz’ utange. baze batange iryo shikanwa ry’ivyakozwe mw ifu ar’ utumanyagu dukaranze, ngo ribe umubabge ummotera neza. 22#Kuv 29:25.Umuherezi wo mu bana biwe azorobanuzwa amavuta, amusubiriye mu gishingo, aze yame anshikanira iryo shikanwa, bibe icagezwe c’intahava: ryose rize rishe ritōngōke. 23Ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu umuherezi azotanga, rize rishe ryose, ritōngōke: ntirize riribge na mba.
Ayandi mabgirizwa yo ku vy’ikimazi gitangirwa ivyaha
24Uhoraho abarira Mose, 25#Lew 1:3, 11; 4:1-35; 6:17.ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Iki ni co cagezwe ku vy’ikimazi gitangirwa ivyaha: aho bakererera ikimazi co kwoswa, az’ abe ari ho bakererera ikimazi co gutangirwa ivyaha, imbere yanje: n’icera cane. 26#Lew 6:16; Guh 18:9, 10; Ezk 44:27, 29.Umuherezi ahereje ico kimazi co gutangirwa ivyaha az’ abe ari we akirya: kize kirīwe ahantu hēra, ni ho mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro. 27#Lew 6:18.Ūzokora ku nyama zaco wese azoba abaye uwera, abe inyegu yaco, kandi ni hagira umwambaro wose utarukirwako n’amaraso yaco, uwo mwambaro yatarukiyeko baze bawumesurire aho hantu hēra. 28#Lew 11:32, 33; 15:12.Kandi ni catekwa mu nkono y’ imbumbano, baze bayimene; na ho ni catekwa mu nkono y’umuringa, baze bayikūbe, bayunyuguze n’amazi. 29#Guh 18:10.Izinamuhungu wese wo mu baherezi yemererwa kukiryako: kizoba ar’ icera cane. 30#Lew 4:7, 11; 16:27; Heb 13:11.Kand’ ikimazi cose gitangirwa ivyaha, amaraso yaco akajanwa mw ihema ry’ibonaniro, agahongerwa ahēra, ntikize kiribge na mba: ariko kize giturirwe.
Currently Selected:
Abalewi 6: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967