Bible App logo
Search Icon

Abalewi 7

7
Icagezwe co ku kimazi c’impongano
1 # Lew 5:1-19; 6:1-7, 17. Iki ni co cagezwe co ku kimazi c’impongano: kizoba ar’ icera cane. 2#Lew 6:25.Aho bakererera ikimazi co kwoswa, az’ abe ari ho bakererera ikimazi c’impongano; amaraso yaco baze bayamijagire ku gicaniro impande zose. 3#Kuv 29:13; Lew 3:9-11.Kandi batange ibinure vyaco vyose, ari vyo murizo uko wagahometsekw ibinure, n’urubambanda rwōrōshe amara, 4n’amafyigo yompi, n’ ibinure bihometse kuri yo, ahahereranye n’umurya, n’agashami gatoya k’igitigu, bagakūrane n’ amafyigo. 5Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro, kibe ikimazi nshikaniwe gitōngōrwa n’ umuriro. Ico ni co kimazi c’ impongano. 6#Lew 6:29; Guh 18:9.Izinamuhungu wese wo mu baherezi yemererwa kukiryako: kize kirīrwe ahantu hēra: n’icera cane. 7#Lew 6:25, 26.Nk’uko bigenzwa ku kimazi gitangirwa ivyaha, ni ko bigenzwa no ku kimazi c’impongano: icagezwe cavyo ni kimwe: umuherezi ahereje iyo mpongano, ni we kizoba iciwe. 8Kand’ umuherezi ahereje ikimazi c’umuntu uw’ ari we wese co kwoswa, uwo muherezi nyene az’ abe ari we atwara urusato rw’ico kimazi coshejwe atanze. 9#Lew 2:4, 5, 7.Ishikanwa ryose ry’ivyakozwe mw ifu vyokejwe mu ziko, n’ibindi vyose vyakozwe mw ifu bikaranganywe n’amavuta, bo n’ivyataraguwe ku cuma gikaranga, bizoba ivy’ umuherezi abihereje. 10Ishikanwa ryose ry’ifu, ar’ ivanze amavuta cank’ itavanze, rizoba irya bene Aroni bose, barigabangane.
Icagezwe co ku kimazi c’ishimwe
11 # Lew 3:1; 22:21. Iki ni co cagezwe co ku kimazi c’ishimwe umuntu azonshikanira. 12#Lew 2:4; 6:21; Guh 6:15.Ni yagitanga kubgo gukenguruka, ico kimazi co gukenguruka az’ agitangane n’udutsima tutambiwe twacumbanywe n’amavuta ya elayo, bo n’utundi dutsima tubēhūye, tutambiwe nyene, twasutswekw amavuta, n’utundi nyene twacumbanywe n’amavuta, twacumbge mw ifu igogōretse ivangishijwe amavuta ngw ihwane. 13#Am 4:5.Iryo shikanwa ryiwe, n’ico kimazi ciwe c’ishimwe yatanze kubgo gukenguruka, az’ abitangane n’utundi dutsima twambiwe. 14#Kuv 29:27, 28; Guh 18:8.Kandi kur’ iryo shikanwa ryiwe ry’udutsima tw’ uburyo bgose, az’atangeko kamwe‐kamwe kw ishikanwa angereye jewe Uhoraho; rize ribe umuturi w’umuherezi amija amaraso y’ico kimazi c’ishimwe. 15#Lew 22:29, 30.Kand’ inyama z’ico kimazi ciwe c’ishimwe yatanze kubgo gukenguruka, zize ziribge ku musi agitanzeko nyene: ntihaze hagire izo asigaza ngo zirāre. 16#Lew 19:6.Arikw ico kimazi ashikanye, ni caba ico gushitsa isezerano, cank’ ico ashikanye kukw avyigombeye, kize kiribge ku musi agitanzeko; izizorāra kuri co zize ziribge bukeye bgaho. 17Arikw inyama z’ico kimazi ni zashika ku musi ugira gatatu, zize ziturirwe. 18#Lew 19:7, 8.Ariko ni haramuka hagize inyama z’ico kimazi ciwe c’ishimwe ziribga ku musi ugira gatatu, ntikizoba kicemerwa, uwagitanze ntikizoba kikimuharūrwako: kizoba kibaye ikizira, ūkiriyeko azogībgako n’ukugabitanya kwiwe. 19Ni hagira inyama zikora ku kintu gihumanya ntizize ziribge, ariko ziturirwe. Umuntu wese adahumanye ni we yemererwa kurya ku nyama z’ico kimazi. 20#Lew 22:3.Arik’ ūzorya ku nyama z’ico kimazi c’ishimwe, agihumanye, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo. 21#Lew 5:3; 11:1-47.Kand’ umuntu wese azokora ku kintu gihumanya ic’ ari co cose, ar’ igiherereye ku muntu, cank’ ar’ igitunzwe gihumanya, cank’ ar’ ikindi cose c’ikizira gihumanya, agaheza akarya ku nyama z’ikimazi c’ishimwe, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.
Ayandi mabgirizwa yo ku binure no ku maraso
22Uhoraho abarira Mose, 23#Lew 3:16, 17.ati Barira Abisirayeli, uti Ntimuze mwigere murya ku binure, ar’ ivy’ inka, canke vy’intama, canke vy’ impene. 24Arikw ibinure vy’ iyipfiriye, cank’ ivy’ ikirangara, vyoshobora gukoreshwa igikorwa kindi cose: ariko ntimuze mubiryeko na gatoya. 25Kuk’ ūzorya wese ku binure vy’ibitunzwe, kand’ ari vyo abantu batangakw ibimazi banshikanira vyo gutongorwa n’umuriro, umuntu azoramuka abiriyeko az’ acibge mu bgoko bgabo. 26#Lew 3:17.Ntimuze mwigere mugeza ubuseri#7:26 ubuseri: mu Giheburayo handitswe ngw Amaraso: iryo zina ripoperanije ubuseri n’ikiremve. mu kanwa mu ngo zanyu zose, ar’ ubg’ ibiguruka, cank’ ubg’ ibitunzwe, cank’ ubg’ ibikōko. 27Umuntu wese azobugeza mu kanwa, ubg’ ari bgo bgose, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.
Ayandi mabgirizwa yo ku myanya ihabga abaherezi
28Uhoraho abarira Mose, 29#Lew 3:1.ati Barira Abisirayeli, ut’ Ūzompa ikimazi c’ishimwe, az’ anshikanire ishikanwa arikūye kur’ ico kimazi ciwe c’ishimwe nyene. 30#Kuv 29:26; Lew 3:3, 4.Ubgiwe yizanire mu minwe yiwe ishikanwa anshikaniye ryo gutōngōrwa n’ umuriro; az’ azane ibinure bo n’inkoro, kugira ngw iyo nkoro ibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje. 31#Lew 3:11; 9:21; Guh 6:20.Maz’ ivyo binure umuherezi az’ avyosereze ku gicaniro; arikw inkoro ibe umwanya wa Aroni n’abana biwe. 32Kand’ igikenye c’ukuguru kw’i buryo muze mugihe umuherezi, kibe umwanya wiwe, mugikūye ku kimazi mutanze c’ishimwe. 33Uwo muri bene Aroni azohereza amaraso n’ibinure vy’ikimazi c’ishimwe, az’ abe ari we ahabga igikenye c’ukuguru kw’i buryo kuba umwanya wiwe. 34#Kuv 29:27, 28; Lew 10:14, 15; Guh 18:18; Gus 18:3.Kuko ya nkoro ishikanishwa kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi, mbishinguye ku bimazi vy’Abisirayeli vy’ishimwe, mbihaye Aroni umuherezi, n’abana biwe, kuba umuturi bazohora bashingura mu Bisirayeli ibihe vyose.
35Uwo ni wo mwanya wa Aroni n’abana biwe bashinguriwe ku bimazi bishikaniwe Uhoraho bigatōngōrwa n’umuriro, bāgerewe uhereye umusi barobanuriwe kuba abaherezi bo gukorera Uhoraho; 36#Kuv 40:13-15; Lew 8:12, 30.Uhoraho yashinze yukw Abisirayeli bazohora babaha uwo mwanya, uhereye ku musi barobanuriweko; uzoba umuturi wabo ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana. 37#Kuv 29:1; Lew 6:9, 14, 20, 25; 7:1, 11.Ico ni co cagezwe co ku kimazi co kwoswa, n’ico kw ishikanwa ry’ amafu, n’ico ku kimazi gitangirwa ivyaha, n’ico ku kimazi c’impongano, n’ico ku vyo kwinjiza abaherezi mw ibango, n’ico ku bimazi vy’ishimwe, 38ivyo Uhoraho yageze Mose ari ku musozi Sinayi, ku musi yageze Abisirayeli kumuzanira amashikanwa, aho nyene mu bugaragwa bg’i Sinayi.

Currently Selected:

Abalewi 7: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in