Kuvayo 2
2
Ukuvuka kwa Mose n’ubuzima bwiwe
1Ico gihe umugabo wo mu muryango wa Lewi arongora umugore wo muri uwo muryango nyene. 2Uwo mugore asama inda, avyara umwana w’umuhungu. Abonye ingene uwo mwana ari mwiza, aca aramunyegeza kumara amezi atatu. 3Ariko, abonye ko atagishoboye kuguma amunyegeje, aca yakira agaseke gakozwe mu nkorogoto, aragahoma neza akoresheje ikaburimbi n’uburembo, hanyuma aca amutereka mu rufunzo rwo ku nkengera y’uruzi Nili. 4Mushiki w’uwo mwana aca ahagarara hirya yaho kugira ngo arabe ivyomushikira.
5Hanyuma umukobwa wa Farawo amanuka ku ruzi kwiyuhagira, incoreke ziwe na zo ziba ziratembera ku nkengera y’uruzi. Nuko abona ka gaseke kari mu rufunzo aca atuma incoreke yiwe kukamuzanira. 6Agapfunduruye asanga karimwo umwana. Uwo mwana yariko ararira hanyuma aca amugirira impuhwe, aravuga ati: “Uwu ategerezwa kuba ari umwe mu bana b’Abaheburayo.”
7Maze mushiki w’uwo mwana aca abaza uwo mukobwa wa Farawo ati: “Nje mu Baheburayokazi kukuronderera umugore yomukwonkereza, akamurera?”
8Na we aramwishura ati: “Egome, genda.” Mushikiwe aca aja guhamagara nyina wiwe. 9Wa mukobwa wa Farawo aramubwira ati: “Akira uwu mwana umunyonkereze, nzoguhera.” Wa mugore aca aramwakira aja kumurera. 10Umwana amaze gukura, aca amutwara kwa wa mukobwa wa Farawo, aba umuhungu wiwe. Aca amwita Mose, risobanurwa ngo: “Namukuye mu mazi.”
Mose ahungira i Midiyani
11Igihe kimwe, Mose amaze gukura, aja aho abantu bo mu bwoko bwiwe baba, abona n’ibikorwa biruhije bariko barakora. Niho yabona Umunyegiputa ariko arakubita Umuheburayo w’iwabo. 12Amaze kuraba hirya no hino akabona ko ata n’umwe amubona, aca yica wa Munyegiputa, ikiziga ciwe akinyegeza mu musenyi. 13Bukeye bw’aho asubiyeyo, abona Abaheburayo babiri bariko baragwana. Nuko abaza uwatanguye mugenziwe ati: “Ni kubera iki uriko urakubita Umuheburayo mwenewanyu?”
14Na we aramwishura ati: “Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu? Ugomba kunyica nk’uko wishe wa Munyegiputa?” Kuva ubwo Mose aca agira ubwoba yiyumvira ati: “Bwabundi ivyo nakoze vyaramenyekanye.”
15Maze Farawo avyumvise, aca arondera ingene yokwica Mose, ariko Mose aramuhunga aja kuba mu karere ka Midiyani. Ashitseyo aja kwicara kw’iriba. 16Kandi, hariho umuherezi w’i Midiyani yari afise abakobwa indwi, maze baza kuvoma amazi ngo buzuze ubwato ibitungwa vya sewabo binywe. 17Nuko abandi bungere baca baraza, barabirukana, ariko Mose arahaguruka arabagwanira, banywesha ibitungwa vyabo.
18Ba bakobwa batashe, se Reyuweli, arababaza ati: “Vyagenze gute ko mutashe kare uno musi?”
19Na bo baramwishura bati: “Hari Umunyegiputa yadukingiye abungere, yongera atuvomera amazi duca tunywesha umukuku.”
20Aca arababaza ati: “None ari hehe? Ni kubera iki mwamusizeyo? Nimumuhamagare tumufungurire.”
21Nuko Mose aremera ubutumire, aca agumaho, abana na bo. Haheze igihe Reyuweli amuha umukobwa wiwe yitwa Zipora, aba umugore wiwe. 22Hanyuma Zipora avyara umwana w’umuhungu, Mose amwita Gerishomu, risobanurwa ngo: “Nabaye akavantara mu gihugu kitari ic’iwacu.”
23Haciye ikindi gihe kirekire, umwami wa Egiputa arapfa. Abisirayeli batakambishwa n’imibabaro y’ubuja barimwo, bararira, maze ugutaka kwabo kuraduga gushikira Imana. 24Imana yumva amaborogo yabo, maze yibuka isezerano yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo. 25Iravye Abisirayeli, bayitera akagongwe.
Currently Selected:
Kuvayo 2: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.