Kuvayo 1
1
Abisirayeli bacinyizwa muri Egiputa
1Aya ni yo mazina y’abahungu ba Isirayeli bagiye muri Egiputa bajanye na Yakobo ari we Isirayeli, umwe wese ari kumwe n’umuryango wiwe:
2Reyubeni, Simeyoni, Lewi, Yuda,
3Isakari, Zebuloni, Benyamini;
4Dani, Nafutali;
Gadi, na Asheri.
5Abakomoka kuri Yakobo bagiye muri Egiputa bari mirongo indwi; Yosefu we yari yaramaze gushika muri Egiputa.
6Nuko igihe kiragera, Yosefu n’ab’urunganwe rwiwe barapfa. 7Ababakomotseko ari bo Bisirayeli bavyara abana n’abuzukuru benshi cane; baragwira, baba abantu bahambaye birengeje, buzura igihugu cose.
8Maze muri Egiputa, himikwa uwundi mwami atigeze amenya ivya Yosefu. 9Abwira Abanyegiputa ati: “Murabona ko Abisirayeli babaye benshi kandi bakomeye kuturusha. 10Dutegerezwa kugira ico dukoze kugira ngo tubabuze kugwira, ahandi ho nihagira intambara itera, bazokwifatanya n’abansi bacu maze batugwanye, hanyuma bave mu gihugu cacu bigire.”
11Ni ko guca babagira abagurano babo, bagena ababakurikirana babakoresha ibikorwa bigoye vy’agacinyizo, mu kwubaka ibisagara vy’ubushinguro bwa Farawo vy’i Ramusesi n’i Pitoni. 12Ariko uko babacinyiza ni ko barushiriza kugwira no gukwiragira hose, kandi Abanyegiputa bikarushiriza kubatera ubwoba. 13Baca barushirizaho kubababarisha ibikorwa vy’ubuja. 14Batuma ubuzima bwabo bubarusha bumera nk’umururazi, mu kubakoresha mu vyondo ibikorwa bibabaza vyo kubumba amatafari, hamwe n’ibindi bitandukanye vyo mu mirima; kandi mu vyo babakoresha vyose bakabababaza cane.
15Umwami wa Egiputa abarira abakirizi b’Abaheburayokazi, ari bo Shifura na Puwa, 16ati: “Nimwakira Umuheburayokazi, mugasanga avyaye umuhungu, muzoce mumuniga. Ariko nimwasanga ari umukobwa, muze mumureke abeho.” 17Ariko abo bakirizi barubaha Imana, maze ntibumvira ivyo umwami yabategetse. 18Nuko umwami wa Egiputa ahamagaza ba bakirizi arababaza ati: “Ivyo mwakoze ni ibiki? Ni kubera iki mwaretse abana b’abahungu bakabaho?”
19Ba bakirizi baramwishura bati: “Abagore b’Abaheburayokazi ntibameze nk’Abanyegiputakazi; bafise inkomezi, umwakirizi agera kuhashika bamaze kuvyara.”
20Maze Imana igirira neza abo bakirizi, Abisirayeli na bo barushiriza kugwira, baba ihanga rinini. 21Kandi kuko abo bakirizi bubashe Imana, na yo ica ibaha uruvyaro mu miryango yabo bwite.
22Nuko Farawo aca atanga itegeko ku bantu bose ati: “Umwana wese azovuka ari umuhungu muze mumuterere mu ruzi Nili, ariko umukobwa muze mumureke abeho.”
Currently Selected:
Kuvayo 1: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.