Kuvayo Intangamarara
Intangamarara
Igitabu co Kuvayo kivuga ingene Imana, inyuma y’ibinjana bine “vy’agacerere” (Itanguriro 15:13), yibutse isezerano yagiranye na Aburahamu na Isaka na Yakobo (Kuvayo 2:24), hanyuma igahagurutswa no kugirana isezerano n’Abisirayeli bari muri Egiputa.
Kubera ko haje ubwami bushasha mu gihugu (1:8), ibintu vyaciye vyunyuka ku Baheburayo: Farawo yahagaritswe umutima n’igwirirana ryabo bituma abagira abagurano, nk’uko Uhoraho yari yarabimenyesheje (Itanguriro 15:13). Nuko Imana ica ihagurutsa Mose, ashigikiwe na mukuruwe Aroni, ibaha igikorwa co gukura Abisirayeli muri Egiputa (2–13) no kubarongorera mu bugaragwa (14–18). Abahinga bavuga ko ukwo “kuvayo,” ijambo risigura “gusohoka,” kwabaye nko mu myaka ya 1.445 canke 1.290 imbere y’ivuka rya Yesu Kristo.
Kuva ku gice ca 19 gushika ku ca 40 tuhabona intambuko z’ishirwaho ry’isezerano ryabaye hagati y’Uhoraho, ari we Shebuja, hamwe n’Abisirayeli, ari bo hanga ry’abasavyi. Izo ntambuko zerekana Mose aduga aho Imana yari iri ku musozi Sinayi yongera agaruka yisubiriza aho abantu bari bacumbitse musi yawo (19:3,7,8,14).
Icegeranyo c’ingingo z’iryo sezerano, ari vyo Vyagezwe icumi (20:1-17), caratangajwe, gitanguriwe n’ijambo ry’urufatiro rya Shebuja nyene isezerano, avuga ati: “Ndi Uhoraho Imana yawe, yagukuye muri Egiputa, igihugu wabayemwo uri umugurano” (20:2). Ibigize isezerano bimaze kumenyeshwa (24:7), 20:22–23:32, iryo sezerano ryaciye ryemezwa n’ubwoko bw’Abisirayeli n’Imana (24:1-18). Uhoraho aca ategeka Mose ingene akwiye kwubaka ihema ry’ibonaniro no gutunganya ibikorwa vyo muri ryo. Aho ni ho Shebuja yari agiye kwiyerekanira hagati mu basavyi biwe (25–31). Mu nyuma haciye haduka ingorane ifatiye ku kigirwamana c’inyana y’inka cacuzwe mu nzahabu, ivyo gukurikiza rya sezerano biba birahagaze (32:1–34:3). Ariko ku bw’urukundo rwiwe, Uhoraho asubira kwemeza ko ashaka kugiriranira isezerano n’Abisirayeli (34:4-35). Ihema ry’Ibonaniro, ari ryo nzu yayo, rimaze kwubakwa (35:1–40:33) “…igicu gica kiramanuka gitwikira Ihema ry’Ibonaniro, ubwiza bw’Uhoraho buca bwuzura mw’ihema” (40:34).
Kuva muri Egiputa, hamwe n’isezerano ryo ku musozi Sinayi, ni ibintu bikomeye vyatumye ubwoko bw’Abisirayeli bwari mu bugurano bubera Uhoraho “…ihanga ry’abaherezi, ihanga ryejejwe” (19:6). Mu kubaho kwabo, Abisirayeli bama bibuka ingene bakuwe mu bugurano mu buryo bw’igitangaza, kandi ivyo babikora uko umwaka utashe mu misi mikuru ya Pasika n’insago. Ivyo vyari bubandanye uko gushika ku musi uhambaye wo Kuvayo, ari wo wo kuja kure y’icaha ku bw’ikimazi ca Yesu “…umwagazi w’intama wa Pasika” (1 Korinto 5:7), yitanze kugira ngo ashireho “…abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije” (1 Petero 2:9).
Currently Selected:
Kuvayo Intangamarara: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.