YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 45

45
Yosefu yimenyekanisha kuri bene se
1Maze Yosefu bimunanira guhisha ibigumbagumba yari afise imbere y’abakozi biwe. Nuko abategeka gusohoka bose, asigarana na bene se gusa, maze arabimenyekanisha. 2Nuko araturika ararira cane ku buryo Abanyegiputa bavyumva, maze inkuru ishika no ku kirimba kwa Farawo.
3Yosefu abwira bene se ati: “Ni jewe Yosefu! Data yoba akiri muzima?” Bene se bumvise ayo majambo biranka ko bamwishura kubera ubwoba bwinshi.
4Yosefu arababwira ati: “Nimunyegere!” Nuko baramwegera. Arabandanya ati: “Ndi Yosefu, umuvukanyi wanyu. Ni jewe mwagurishije nk’umugurano muri Egiputa. 5Ubu rero ntimubabare kandi ntimwiteko ishavu ko mwangurishije muri kino gihugu. Imana ni yo yandungitse imbere yanyu, kugira ngo ikize ubuzima bwanyu mu gihe nk’iki. 6Iyi nzara imaze imyaka ibiri, ariko haracasigaye iyindi itanu, ata kurima kandi ata kwimbura. 7Imana yandungitse hano imbere yanyu kugira ngo mwebwe n’imiryango yanyu ntimuhone kandi kugira ngo harokoke abantu benshi.
8Si mwebwe rero mwandungitse hano, ni Imana. Kandi ni yo yangize umuhanuzi mukuru wa Farawo. Yampaye kuganza ikirimba ciwe, angira n’umukuru w’igihugu cose ca Egiputa. 9Mwihute muje kwa data mumubwire muti: ‘Umuhungu wawe Yosefu avuze ati: Imana yampaye kuganza igihugu cose ca Egiputa. Ingo iwanje udatevye. 10Urashobora kwibera mu gihugu ca Gosheni, ukanyegera hafi wewe n’abana bawe n’abuzukuru bawe, intama zawe, impene zawe n’inka zawe, n’ibindi vyose utunze. 11Uri i Gosheni, nzogutunga nguhe ivyo ukeneye, kuko hagisigaye imyaka itanu y’amapfa. Bitari uko wewe, umuryango wose n’ibikoko utunze muzokwicwa n’ubukene.’
12Mwese, nawe murumunanje Benyamini, muribonera ko ari jewe Yosefu ndiko ndabavugisha! 13Nimugende mubwire data icubahiro mfise muri Egiputa, mumusigurire ivyo mwabonye vyose, hanyuma mumuzane hano bidatevye.”
14Nuko agumbira Benyamini arizwa n’umunezero. Benyamini na we aririra ku rutugu rwiwe. 15Yosefu agumbira bene se bose yongera arabasoma arira; na bo batangura kumuvugisha bidegemvya.
16Maze inkuru imenyekana ku kirimba kwa Farawo ko abavukanyi ba Yosefu baje, ivyo binezereza Farawo n’abakorana na we. 17Farawo abwira Yosefu ati: “Bwira bene so uti: ‘Nimushire imizigo yanyu ku ndogoba zanyu mwihute muje i Kanani; 18hanyuma muzane so n’imiryango yanyu, maze mugaruke hano. Nzobaha amatongo meza aruta ayandi muri Egiputa, hanyuma barye ivyiza vyeze mu gihugu.’
19Babwire kandi bajane imwe mu mikogote yo muri Egiputa, baje kuzana abagore babo, abana babo na se hano. 20Ntibakwiye kwicuza ku vyabo bazosiga, kuko ivyiza vyo mu gihugu ca Egiputa ari ivyabo.”
21Nuko abahungu ba Isirayeli babigenza nk’uko babariwe. Yosefu abaha imikogote, nk’uko Farawo yari yavuze, hanyuma abaha n’ivyo bakeneye mu rugendo. 22Umwe wese amuha impuzu nshasha ariko Benyamini we amuha zitanu na shekeli amajana atatu z’ifeza#45:22 Ni nk’ibilo 3,5.. 23Yongera arungikira se indogoba icumi zikoreye ivyiza vyeze mu gihugu ca Egiputa, indogoba icumi z’ingore zikoreye ingano, imikate, n’ibindi vya nkenerwa mu rugendo rwiwe. 24Nuko arungika bene se; bakigenda arababwira ati: “Ntimugende muratongana mu nzira!”
25Nuko bava muri Egiputa basubira kwa se Yakobo i Kanani. 26Bashitse baramubwira bati: “Yosefu aracariho! Mbere ni we aganza igihugu ca Egiputa!” Ariko Yakobo we amera nk’aho ata co yumvise, kuko atemera ivyo bamubwiye. 27Ariko bamusubiriyemwo ivyo Yosefu yababwiye vyose, akabona n’imikogote yarungitse ngo imujane muri Egiputa, umutima wa Yakobo usubiramwo ubuzima. 28Isirayeli aravuga ati: “Ivyo birakwiye. Umwana wanje Yosefu aracariho. Ndakwiye kugenda nkamubona imbere y’uko mpfa!”

Currently Selected:

Itanguriro 45: BKC

Highlight

Share

Compare

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in