YouVersion Logo
Search Icon

Luka 4

4
Yesu ageragezwa
1Hanyuma Yesu, yuzuye Mpwemu Yera, ava ku ruzi Yorodani ajanwa na Mpwemu mu bugaragwa, 2ahamara imisi mirongo ine ageragezwa na Satani. Amara iyo misi ata co arya, maze iheze, yumva arashonje.
3Satani aramubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate.”
4Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Umuntu ntabeshwaho n’indya gusa.’#4:4 Gusubiramwo 8:3
5Hanyuma Satani amujana ahantu harehare, amwereka ubwami bwose bwo mw’isi mu kanya gato. 6Aramubwira ati: “Ndaguha kuganza ubwo bwami, nguhe n’ubwiza bwabwo bwose, kuko narabuhawe kandi nshobora kubuha uwo nshatse. 7Niwapfukama ukansenga, ivyo vyose biraba ivyawe.”
8Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera!’#4:8 Gusubiramwo 6:13
9Nuko wa mubi amujana i Yerusalemu, amuhagarika ku rusengero ahantu hataramutse, amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, niwikororere hasi, 10kuko handitswe ngo:
‘Azotegeka abamarayika biwe
bakuzigame.
11Bazokurerura mu maboko yabo,
kugira ngo ntutsitare kw’ibuye.’#4:11 Zaburi 91:11,12
12Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Ntukagerageze Uhoraho Imana yawe.’#4:12 Gusubiramwo 6:16
13Satani ahejeje kumugerageza mu buryo bwose, aca amusiga aho, ntiyasubira kumugerageza gushika amuronse akandi karyo keza.
Ab’i Nazareti banka ivya Yesu
14Yesu aca asubira i Galilaya yuzuye ubushobozi bwa Mpwemu Yera, maze inkuru yiwe ikwira akarere kose kahegereye. 15Yama yigisha mu masinagogi kandi agashimwa n’abantu bose.
16Umusi umwe, Yesu aja i Nazareti aho yakuriye. Ku musi w’Isabato, yinjira mw’isinagogi nk’uko yari amenyereye, maze ahaguruka ngo asome Ivyanditswe. 17Bamuhereza umuzingo w’igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya, arakizingurura, aca ashikira ahanditswe ngo:
18 “Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe,
kuko yansize amavuta
ngo mbwire aboro Ubutumwa Bwiza.
Yantumye kurekura imbohe ngo zidegemvye,
guhumura amaso y’impumyi,
kurekura abacinyijwe ngo bidegemvye,
19 no kumenyekanisha umwaka wo kugirirwa ubuntu n’Uhoraho.” # 4:19 Yesaya 61:1,2
20Ahejeje gusoma, aca azinga wa muzingo w’igitabu, agisubiza uwujejwe kukibika, aca aricara. Abari mw’isinagogi bose bamuhanga amaso cane, 21aca atangura kubabwira ati: “Uwu musi ibi Vyanditswe mwumvise birashitse.”
22Bose baramushima, batangazwa n’amajambo arimwo ubuntu bw’Imana yava mu kanwa kiwe, babazanya bati: “Mbega uwu si wa muhungu wa Yosefu?”
23Yesu arababwira ati: “Ndazi ko mutazobura kuncira uwu mugani muti: ‘Muvuzi, niwivure!’ Kandi muzombwira muti: ‘Korera muri iki gisagara uvukamwo ibitangaza nk’ivyo twumvise wakoreye i Kaperinawumu!’ ”
24Arabandanya ati: “Ndababwire ukuri, nta wuvugishwa n’Imana yemerwa iwabo. 25Mu vy’ukuri, mu gihe ca Eliya hari abapfakazi benshi muri Isirayeli, aho ijuru ryugarwa imvura ikamara imyaka itatu n’igice itagwa, amapfa agatera mu gihugu cose. 26Ariko Eliya ntiyarungitswe ku mupfakazi n’umwe muri bo, atari ku mupfakazi w’i Zerafati mu ntara ya Sidoni. 27Kandi hari abanyamibembe benshi muri Isirayeli mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Elisa, ariko nta n’umwe yahumanutse imibembe atari Namani Umusiriya.”
28Abari mw’isinagogi bavyumvise, bose baterwa n’ishavu. 29Barahaguruka, bamukwegera inyuma y’igisagara, bamujana hejuru ku musozi ico gisagara cari cubatsweko, kugira ngo bamutembagarize mu manga. 30Ariko abaca hagati arigira.
Yesu yirukana impwemu ihumanye
31Nuko Yesu aca aja i Kaperinawumu mu gisagara c’i Galilaya. Ku musi w’Isabato aja kwigisha mw’isinagogi, 32maze abantu batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko zarimwo ububasha.
33Muri iyo sinagogi hari umuntu yarimwo impwemu ihumanye. Maze akoma induru n’ijwi rirenga ati: 34“Yesu w’i Nazareti, udushakako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!”
35Yesu arayizibiza ati: “Hora! Muvemwo!” Wa mudayimoni aca amukubita hasi imbere ya bo, amuvamwo ata co abaye.
36Abantu bose baratangara cane, babwirana bati: “Ijambo ry’uwu muntu rirakomeye! Rifise ububasha n’inkomezi, kuko n’impwemu mbi na zo arazitegeka zikamwumvira, zigasohoka!” 37Nuko inkuru ziwe zikwira muri ako karere kose.
38Yesu aca ava muri iyo sinagogi aja i muhira kwa Simoni. Inabukwe wa Simoni yari arwaye kandi ashushe cane, maze abari aho binginga Yesu ngo amukize. 39Yesu aramwegera, ahagarara i ruhande yiwe, akankamira ubwo bushuhe, buca burahera. Ako kanya nyene aca arahaguruka, arabazimana.
40Izuba ririko rirarenga, bamuzanira abantu bose bafise ingwara zitandukanye, arambika ibiganza kuri umwumwe wese, arabakiza. 41N’impwemu mbi ziva mu bantu benshi, zisemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana!” Ariko arazikankamira, ntiyazemerera gusubira kuvuga, kuko zari zamenye ko ari Kristo.
42Bukeye mu gitondo, Yesu aja mu kibanza ciherereye. Abantu baja kumurondera, babonye aho ari, baramugobera ngo ntasubire kuvana na bo. 43Ariko arababwira ati: “Ntegerezwa kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami bw’Imana no mu bindi bisagara na vyo, kuko ari co canzanye.” 44Nuko abandanya yigisha mu masinagogi y’i Yudaya.

Currently Selected:

Luka 4: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in