YouVersion Logo
Search Icon

Luka 5

5
Yesu ahamagara abigishwa ba mbere
1Umusi umwe Yesu yari ku nkengera y’ikiyaga c’i Genezareti, akikujwe n’isinzi ry’abantu bariko bumviriza ijambo ry’Imana. 2Maze abona ubwato bubiri abarovyi bari basize ku nkengera y’ico kiyaga, bariko boza insenga zabo. 3Nuko yinjira muri bumwe; ubwo na bwo bwari ubwa Simoni, amusaba ngo abwigize mu mazi kure y’isi gato, na we abwicaramwo, atangura kwigisha abantu.
4Ahejeje kwigisha, abarira Simoni ati: “Nimuterere insenga zanyu hagati mu kiyaga, murobe.”
5Simoni aramwishura ati: “Mwigisha, twakoze ijoro ryose turaruha, ariko ntitwaronka ifi n’imwe. Yamara ko ubivuze, reka nterere insenga.”
6Batereye insenga, baroba ifi nyishi cane, gushika aho insenga zitangura gutabuka. 7Baca bahamagara bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze babafashe, maze buzuza ubwato bwabo bwompi gushika aho butangura kwibira.
8Simoni Petero abibonye, apfukama imbere ya Yesu, amubwira ati: “Mwami, igira kure yanje kuko ndi umunyavyaha!” 9Ivyo Petero yabivuze kubera we n’abo bari kumwe bari batangajwe cane n’ubwinshi bw’ifi bari bahejeje kuroba. 10Bagenziwe, ari bo Yakobo na Yohana bene Zebedayo, bakorana na Simoni.
Yesu abwira Simoni ati: “Ntutinye, kuko uhereye ubu, ugiye kuba umurovyi w’abantu.” 11Baca bakwegera ubwato bwabo ku nkengera y’ikiyaga, basigaho vyose, baramukurikira.
Yesu akiza umunyamibembe
12Yesu ari muri kimwe mu bisagara vy’aho hantu, haza umuntu yuzuye imibembe umubiri wose. Abonye Yesu, yikubita imbere yiwe yubitse umutwe hasi, aramwinginga ati: “Mwami, ubishatse woshobora kumpumanura.”
13Yesu aca aramvura ukuboko, amukorako. Aramubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!” Ubwo nyene imibembe ica iramuvako.
14Yesu aca aramwihaniza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga, kugira ngo bibabere ikimenyetso ko wahumanutse.”
15Yamara inkuru za Yesu zirushirizaho kumenyekana, abantu isinzi bakama baza aho ari kumwumviriza no kugira ngo abakize ingwara. 16Ariko Yesu yama aja ahantu hiherereye mu bugaragwa gusenga.
Yesu akiza umuntu akongataye
17Umusi umwe Yesu yariko arigisha, kandi bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bari ngaho; bari baje bava mu bisagara bitandukanye vy’i Galilaya, i Yudaya n’i Yerusalemu; kandi ububasha bw’Umwami Imana bwo gukiza ingwara bwari kuri Yesu. 18Nuko haza abantu bateruye umuntu akongataye ku kirago, barondera ingene bomwinjiza mu nzu ngo bamuryamike imbere ya Yesu. 19Babonye ko badashobora kwinjira kubera ubwinshi bw’abantu, baca burira hejuru ku nzu, basambura aho bacisha ca kirago aryamyeko, bacururukiriza hagati mu bantu, gitumbereye imbere ya Yesu.
20Yesu abonye ukwizera kwabo, avuga ati: “Mugenzi, ivyaha vyawe urabihariwe.”
21Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwiyumvira bati: “Mbega uwu ni nde ko yigize Imana! Ukwo ni ukuyituka. Imana yonyene ni yo ishobora guharira ivyaha.”
22Yesu aca aramenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu? 23Mbega icoroshe ni uko novuga nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka ugende’? 24Ariko nshaka ko mumenya ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha.” Aca ategeka wa muntu akongataye ati: “Haguruka, ikorere ikirago cawe witahire.” 25Ubwo nyene aca arahaguruka bose babibona, yikorera ca kirago, ataha ahimbaza Imana. 26Abari ngaho bose baratangara cane kandi bagira n’ubwoba, bahimbaza Imana bavuga bati: “Uwu musi amaso yacu abonye ibitangaza!”
Yesu ahamagara Lewi
27Inyuma y’ivyo, Yesu ariko arava muri ico gisagara, abona umutozakori yitwa Lewi yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira!” 28Lewi aca ava hasi, aramukurikira.
29Mu nyuma Lewi ategurira amazimano Yesu i muhira iwe, atumira n’abatozakori benshi n’abandi bantu, baraza basangira na bo. 30Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe babaza abigishwa ba Yesu bamwidodombera bati: “Ni kuki mwicarana n’abatozakori n’abandi banyavyaha, mugasangira na bo?”
31Yesu arabishura ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukeneye. 32Sinaje kurondera abibaza ko ari abagororotsi, ahubwo naje kurondera abazi neza ko ari abanyavyaha, kugira ngo bihane.”
Ibijanye no kwisonzesha
33Baca baramubaza bati: “Ni kuki abigishwa ba Yohana, co kimwe n’ab’Abafarisayo bisonzesha kenshi bongera basenga, ariko abawe bakaguma barya bongera banywa nk’uko bisanzwe?”
34Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bokwisonzesha bakiri kumwe na we mu musi mukuru? Ntibishoboka! 35Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe rero bazoheza bisonzeshe.”
36Aca abacira uwu mugani ati: “Nta wutabura igitambara ku mpuzu nshasha ngo akibaririre ku mpuzu y’umushire. Abikoze uko, aba yononye iyo impuzu nshasha, kandi ico gitambara gishasha ntigishobora gufatana n’impuzu y’umushire. 37Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urushato ushaje. Abigize uko, uwo umukuza womeneka, umuvinyu ugaseseka. 38Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha. 39Kandi nta muntu anywa umuvinyu wa kera ngo aheze yipfuze kunywa mushasha, kuko avuga ngo: ‘Umuvinyu wa kera uryoshe kuruta mushasha.’ ”

Currently Selected:

Luka 5: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in