Itanguriro 40
40
Yosefu asobanura indoto z’abakozi ba Farawo
1Haheze igihe, uwari ajejwe guha umwami wa Egiputa ivyo kunywa, n’uwari ajejwe imikate y’umwami, bamucumurako. 2Nuko Farawo ashavurira cane abo bakuru uko ari babiri: uwujejwe ivyo kunywa n’uwujejwe imikate. 3Aca abashira mw’ibohero Yosefu yari arimwo, mu kigo c’umukuru w’ingabo zirinda umwami. 4Maze umukuru w’imbohe abazeza Yosefu, kugira ngo abarabe.
Bamaze igihe kitari gito mw’ibohero, 5umwe yari ajejwe ivyo kunywa vy’umwami n’uwari ajejwe imikate y’umwami wa Egiputa, uko ari babiri, bagira indoto ijoro rimwe, kandi indoto yose yari ifise insiguro yayo.
6Mu gitondo Yosefu aje kubaraba asanga ntibamerewe neza. 7Arababaza ati: “Ni kuki mubabaye uno musi?”
8Baramwishura bati: “Twese twarose iri joro, ariko nta n’umwe ashobora kutubwira ico izo ndoto zisigura.”
Yosefu arababwira ati: “Imana ni yo itanga ubwenge bwo gusigura indoto. Nimumbwire ivyo mwarose.”
9Wa mukuru yari ajejwe guha umwami ivyo kunywa abwira Yosefu indoto yiwe ati: “Mu ndoto nabonye igiti c’umuzabibu imbere yanje. 10Ico giti cari gifise amashami atatu. Kigitangura kuzana amababi, gica kirashurika, cama amahando y’inzabibu zihiye. 11Nari mfise igikombe c’umwami mu minwe, nuko nca mfata ya mahando y’inzabibu ndayakanyira muri ca gikombe, nca nshira ca gikombe mu minwe ya Farawo.”
12Yosefu aramubwira ati: “Insiguro y’indoto yawe ni iyi: Ayo mashami atatu asigura imisi itatu. 13Mu misi itatu, Farawo azokurekura, akubabarire, maze agusubize mu gikorwa cawe. Uzosubira umuhereze igikombe nk’uko wamye ubikora ukimukorera. 14Uze unyibuke niyo vyose vyakungendera neza, umvugire ku mwami, kugira ngo ankure muri iri bohero. 15Jewe baranyuruje, bankura mu gihugu c’Abaheburayo, none raba ndapfunzwe, ariko nta kibi nakoze cotuma mba ndi muri iri bohero.”
16Wa mukuru yari ajejwe imikate y’umwami abonye ko insiguro y’indoto ya mugenziwe ari nziza, abwira Yosefu ati: “Nanje narose mbona nikoreye ibiseke bitatu vy’imikate. 17Mu giseke co hejuru, harimwo imikate y’ubwoko butandukanye ya Farawo. Hanyuma mbona inyoni ziza kunobagura ya mikate muri ca giseke cari ku mutwe wanje.”
18Yosefu aramubwira ati: “Ibiseke bitatu bisigura imisi itatu. 19Mu misi itatu, Farawo azoguca umutwe, akubambe ku giti. Maze inyoni zizoza zikunobagure.”
20Haheze imisi itatu, ku musi wo kwibuka ivuka ryiwe, umwami ategura umusi mukuru, atumira abategetsi bakorana n’abakora ku kirimba. Nuko ahamagaza umwe yari ajejwe ivyo kunywa vyiwe n’uwari ajejwe imikate ngo baze mu bandi bategetsi. 21Asubiza wa mukuru yari ajejwe ivyo kunywa mu gikorwa ciwe, na we aca ashira igikombe mu minwe y’umwami. 22Wa mukuru yari ajejwe imikate we aramubambisha, nk’uko Yosefu yari yabimusiguriye.
23Ariko wa mukuru ajejwe ivyo kunywa vy’umwami ntiyasubira kwibuka Yosefu; aramwibagira rwose.
S'ha seleccionat:
Itanguriro 40: BKC
Subratllat
Comparteix
Compara
Copia
Vols que els teus subratllats es desin a tots els teus dispositius? Registra't o inicia sessió
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.