Luka 19
19
Zakayo
1Ashika i Yeriko, arikw arahaca. 2Hār’ umuntu yitwa Zakayo, yar’ umutozakori mukuru, kandi yar’ umutunzi. 3Ageza kurāba Yesu, ngw amenye ukw asa, bimwankira kubg’ ishengero, kuko yari mugufi. 4Arirukanga, aja imbere, yūrira igiti citwa umusukomora ngw amurābe, kuko yagira ace mur’ iyo nzira. 5Yesu ahashitse, ararangamiza, aramubarira, ati Zakayo, ururuka vuba, kuk’ uyu musi nkwiye kurāra i wawe. 6Yururuka vuba, amwākīrana akanyamuneza. 7#Luk 15:2.Babibonye, bose baridodomba, bati Ko yinjiye kurārira umuntu w’umunyavyaha! 8#Kuv 22:1; Guh 5:6, 7.Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane. 9#Luk 13:16; Ivyak 3:25; 16:31.Yesu amuvugako, at’ Uyu musi agakiza gashitse mur’ iyi nzu, kuk’ uyu na we ar’ umwana wa Aburahamu. 10#Ezk 34:16; Yoh 3:17; Luk 5:32; 1 Tim 1:15.Kand’ Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.
Umugani wa mina cumi
11 #
Luk 24:21; Ivyak 1:6. Bakiriko barumva ivyo, avyongerak’ umugani, kuko yari hafi y’i Yerusalemu, kandi kuko biyumvira yuk’ ubgami bg’Imana bugira buboneke uwo mwanya;#Mat 25:14-30. 12#Mrk 13:34.nukw aravuga, ati Hābaye umuganwa yagiye mu gihugu ca kure kwimikirwayo, ngw agaruke. 13Ahamagara icumi bo mu bishikira biwe, abaha amahera cumi yitwa mina, arababarira, ati Muyacuruze, mugeze aho nzozira. 14#Yoh 1:11.Arikw abantu biwe bāramwanka, bamukurikiza intumwa, bat’ Uyo ntitugomba kw atuganza. 15Agarutse, amaze kwimikwa, ahamagaza ba bishikira yasigaranye ya mahera, ngw amenye inyungu umuntu wese yungutsemwo mu kuyacuruza. 16Uwa mbere arengutse, aravuga, ati Mugenzi, mina yawe yungutsemw’ izindi mina cumi. 17#Luk 16:10.Aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza, ko wabaye umwizigirwa no kuri gito cane, n’ube umutware w’ibisagara cumi. 18Uwa kabiri arengutse, aravuga, ati Mugenzi, mina yawe yungutsemw’ izindi mina zitanu. 19Uwo na we aramubarira, ati Nawe twara ibisagara bitanu. 20Uwundi arengutse, aravuga, ati Mugenzi, ngiyi mina yawe, nabītse itekeye mu kiremo: 21kuko nagutinye k’ur’ umuntu w’umuhambazi, uterura ivyo utāhateretse, wimbura ivyo utārimye. 22Aramubgira, ati Ndagucira urubanza ku vyakuvuye mu kanwa, wa muntu wanje mubi we. Ko war’ uzi yuko nd’ umuntu w’umuhambazi, nterura ivyo ntāhateretse, nimbura ivyo ntārimye: 23none se n’iki cakubujije guha abacurūza amahera yanje, nanje nagaruka nkayakwaka n’inyungu yayo? 24Abarira abahagazeho, ati Ni mumwake ya mina, muyihe ūfise mina cumi. 25Baramubgira, bati Mugenzi, mbega kw afise icumi! 26#Luk 8:18; Mat 13:12.Ndababgire, Ūfise wese azohabga, arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ afise. 27Arikw abo bansi banje batākunze ko mbaganza ni mubazane hano, mubīcire imbere yanje.
28Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aja imbere, adūga aja i Yerusalemu.
Yesu ashika i Yerusalemu, ari ku nyana y’indogoba
29 #
Mat 21:1-9; Mrk 11:1-10; Yoh 12:12-16. Ageze hafi y’i Betifage n’i Betaniya, ku musozi witwa Elayono, atuma babiri bo mu bigishwa, 30arababarira, ati Muje mur’ iriya mihana ir’ imbere yanyu, ni mwayishikamwo, murabona inyana y’indogoba iziritse, ata muntu yigeze kuyigenderako: muyiziture muyizane. 31Kandi ni hāgira ūbabaza, ati N’iki gitumye muyizitura? mumwishure, muti Databuja ni we ayigomba. 32Abātumwe baragenda, babisanga uko yabibabgiye. 33Bariko barazitura ya nyana y’indogoba, bene yo barababaza, bati Ko muzitura iyo nyana n’iki? 34Barabishura, bati Databuja ni we ayigomba. 35Bayizanira Yesu, bayishirakw impuzu zabo, bayiterekako Yesu. 36#2 Abam 9:13.Arikw aragenda, basasa impuzu zabo mu nzira. 37Agira ashike, ageze ku kamanuko k’umusozi wa Elayono, ishengero ryose ry’abigishwa ritangura kunezerwa no guhimbaza Imana n’ijwi rirenga, bayishimira ibitangaza babonye vyose,
38 #
Zab 118:26; Luk 2:14. bati Hashemezwe Umwami, aje mw izina ry’Uhoraho,
Amahoro abe mw ijuru,
Icubahiro kibe ahasumba ijuru.
39Abafarisayo bamwe bo mw ishengero baramubarira, bati Mwigisha, zibiza abigishwa bawe. 40Arabishura, ati Ndababgire, Aba ni bahora, amabuye arasemerera.
Yesu aririra Yerusalemu
41 #
2 Abam 8:11; Yoh 11:35. Ashitse hafi, abona igisagara, arakiririra, 42#Gus 32:29; Mat 13:14; Yoh 12:38.at’ Uyu musi iy’ umenya ivy’ amahoro! Ariko none bihishijwe amaso yawe. 43Kukw imisi izokuzako, ah’ abansi bawe bazokurundira ikirundo c’ivu kigukikije, na bo ubgabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zose, 44#Luk 21:6; Zab 137:9.bakagukekana n’abana bawe bo muri wewe; kandi ntibazogusigariza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuk’ utāmenye igihe wagendewemwo.
Yesu yirukana abahumanya urusengero
45 #
Mat 21:12-16; Mrk 11:15-18; Yoh 2:13-16. Yinjira mu rusengero, atangura guhindira hanze abārudandarizamwo, 46#Yes 56:7; Yer 7:11.arababgira, ati Vyanditswe, ngw Ingoro yanje izoba inzu yo gusengeramwo; ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.
47 #
Luk 21:37; 22:53; Yoh 18:20. Kandi yigishiriza mu rusengero imisi yose. Arikw abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abantu bakuru‐bakuru bo mur’ ubgo bgoko barondera ingene bomwica, 48babura uko bamugira; kukw abantu bose bāri bamumaseko, bamwumva.
Dewis Presennol:
Luka 19: RUN1967
Uwcholeuo
Rhanna
Copi
Eisiau i'th uchafbwyntiau gael eu cadw ar draws dy holl ddyfeisiau? Cofrestra neu mewngofnoda
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967