Itanguriro 11
11
Imana iyoberanya indimi z’abantu
1Abo mw isi yose bari bafise ururimi rumwe n’ukuvuga kumwe. 2#Dan 1:2.Nuko bariko baragenda berekeye i burasirazuba, babona ikiyaya mu gihugu c’i Shinari; bagerēraho. 3Baravugana, bati Ngo tubumbe amatafari, tuyaturire neza. Nuko bakoresha amatafari mu gishingo c’amabuye, na kaburimbi mu gishingo c’ubudongo. 4#Gus 1:28.Baravuga, bati Ngo twiyubakire igisagara, n’umunara uz’ ushikīre ijuru, kugira ngo twironkere izina rya rurangiranwa, twoye gusābagira mw isi yose. 5#Ita 18:21.Maz’ Uhoraho amanukanwa no kurāba ico gisagara n’uwo munara, abana b’abantu bubatse. 6Uhoraho aravuga, ati Rāba n’ihanga rimwe, kandi bose basangiye ururimi rumwe; non’ iki ni co batanguye gukora: erega nta kizobananira noneho ku co bazogabira gukora cose. 7#Ita 1:26; 3:22; Yes 6:8.Nuko ngo tumanuke tuyoberanye ururimi rwabo, boye kwumvikana mu kuvuga kwabo. 8#Luk 1:51.Nuk’ Uhoraho abasābagiriza mw isi yose: baca baheba kwubaka ca gisagara. 9Ni co catumye izina ryaco citwa Babeli; kukw ari h’Uhoraho yayoberanirije ururimi rw’abo mw isi yose; kand’ ari h’Uhoraho yabasābagirije mw isi yose.
Amamo ya Aburahamu
10 #
1 Ngo 1:17-27. Uru ni rwo ruvyaro rwa Shemu. Shemu amaze imyaka ijana avyara Arupakisadi, wa mwuzure umaze imyaka ibiri uhavuye. 11Shemu amaze kuvyara Arupakisadi, amara imyaka amajana atanu, ayivyaramw’ abahungu n’ abakobga.
12Arupakisadi amaze imyaka mirongwitatu n’itanu avyara Shela: 13Arupakisadi amaze kuvyara Shela, amara imyaka amajana ane n’iyindi itatu, ayivyaramw’ abahungu n’abakobga.
14Shela amaze imyaka mirongwitatu avyara Eberi. 15Shela amaze kuvyara Eberi, amara imyaka amajana ane n’iyindi itatu, ayivyaramw’ abahungu n’abakobga.
16Eberi amaze imyaka mirongwitatu n’ine avyara Pelegi. 17Eberi amaze kuvyara Pelegi, amara imyaka amajana ane na mirongwitatu, ayivyaramw’ abahungu n’abakobga.
18Pelegi amaze imyaka mirongwitatu avyara Reyu. 19Pelegi amaze kuvyara Reyu, amara imyaka amajana abiri n’icenda, ayivyaramw’ abahungu n’abakobga.
20Reyu amaze imyaka mirongwitatu n’ibiri avyara Serugi. 21Reyu amaze kuvyara Serugi, amara imyaka amajana abiri n’ indwi, ayivyaramw’ abahungu n’ abakobga.
22Serugi amaze imyaka mirongwitatu avyara Nahori. 23Serugi amaze kuvyara Nahori, amara imyaka amajana abiri, ayivyaramw’ abahungu n’abakobga.
24Nahori amaze imyaka mirongwibiri n’icenda avyara Tera. 25Nahori amaze kuvyara Tera, amara imyaka ijana n’icumi n’ icenda, ayivyaramw’ abahungu n’ abakobga.
26 #
Yos 24:2. Tera amaze imyaka mirongwirindwi avyara Aburamu na Nahori na Harani.
27Uru ni rwo ruvyaro rwa Tera: Tera yavyaye Aburamu na Nahori na Harani; Harani yavyaye Loti. 28Harani apfira mu gihugu yavukiyemwo, ahitwa Uri i Bukaludaya, se Tera akiriho. 29#Ita 17:15; 22:20.Aburamu na Nahori bararongora: muka Aburamu yitwa Sarayi, muka Nahori yitwa Miluka, mwene Harani, Harani se wa Miluka na Yisika. 30Sarayi yar’ intavyara, ntiyagira umwana. 31#Ita 15:7; Neh 9:7; Ivyak 7:4.Tera ajana Aburamu umwana wiwe, na Loti mwene Harani umwuzukuru wiwe, na Sarayi umukazana wiwe, muka Aburamu umwana wiwe; bava muri Uri i Bukaludaya ngo baje mu gihugu c’i Kanani; bashika i Harani, bagerēraho. 32Imisi Tera yamaze yabaye imyaka amajana abiri n’iyindi itanu: Tera araheza apfira i Harani.
Currently Selected:
Itanguriro 11: RUN1967
Tya elembo
Share
Copy
Olingi kobomba makomi na yo wapi otye elembo na baapareyi na yo nyonso? Kota to mpe Komisa nkombo
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967