Itanguriro 33
33
Yakobo asubiza hamwe na Esau
1 #
Ita 32:6. Yakobo yunamura amaso, agize artya abona Esau aje, ari kumwe n’abantu amajana ane. Atandukanya abana, abaha Leya na Rakeli na za ncoreke zompi. 2Atanguza imbere izo ncoreke n’ abana bazo, akurikizako Leya n’ abana biwe, Rakeli na Yosefu abashira inyuma. 3#Ita 18:2; 42:6.Maz’ ubgiwe abaja imbere, akubita inkoro hasi ibihetangabo ndwi, kugeza yegereye mukuru we.
4 #
Ita 32:28; 45:14. Esau ariruka aramusanganira, amugwa mu gikiriza, amurenganyakw amaboko, aramugūmbīra: baca bararira. 5#Ita 48:9; Zab 127:3; Yes 8:18.Esau yunamura amaso, abona ba bagore n’abana, aramubaza, ati Barya muri kumwe n’aba hehe? Aramwishura, at’ Abo n’abana Imana yahereye ubuntu umusavyi wawe. 6Maze za ncoreke bo n’abana bazo bīgira hafi, baramwunamira. 7Na Leya n’abana biwe bīgira hafi, baramwunamira; hakurikirako Yosefu na Rakeli bīgira hafi, baramwunamira. 8#Ita 32:5, 16.Aramubaza, at’ Ayo masho yose twahūye, yo n’ay’ iki? Aramwishura, ati N’ayo kugira ngo ngirirwe akagongwe imbere yawe, mugenzi. 9Esau aramwishura, ati Mfise ibimpāgije: mwana wa mama, ivyo ufise uvyigumirize. 10#Ita 43:3; 2 Sam 14:24.Yakobo aramwishura, at’ Oyaye! Ni naba ngiriwe akagongwe imbere yawe, ndakwinginze, emera indamukanyo nguhaye: kuko kukubona, n’ingen’ unyakiriye neza, ni nko kubona Imana. 11#1 Sam 25:27; 2 Abam 5:15, 23.Nuko ndakwinginze, akīra iyo ngabire nkurungikiye; kukw Imana yangiriye ubuntu, kandi mfise ibimpāgije. Aramugōbēra, aravyākīra.
12Esau aramubarira, ati Ngo dufate inzira, tugende, nanje ndakuja imbere. 13Yakobo aramwishura, ati Databuja, urazi kw abana batagira intege, kandi kw imikuku n’amasho mfise vyonsa: bobishorera ihutihuti, naho woba umusi umwe gusa, vyopfa vyose. 14Ndakwinginze, databuja, ni witangire imbere y’umusavyi wawe, nanje ndaza buhoro, nk’uko kugenda kw’ivyo nshoreye kuri, kandi nk’uko kugenda kw’abana kuri, nshirwe nshitse i wawe i Seyiri, databuja. 15#Rus 2:13.Esau aramubarira, ati Reka ngusigarane bamwe mu bo turi kumwe. Yakobo aramwishura, ati Nta co biriko: kizima ngiriwe akagongwe imbere yawe, databuja. 16Nuk’ uwo musi nyene, Esau arahindukira, yisubirira i Seyiri. 17Ariko Yakobo aja i Sukoti yiyubakiray’ inzu, aca n’ ibirāro vy’imikuku yiwe n’amasho: ni co catumye aho hantu hitwa Sukoti.#33:17 Sukoti risobanurwa ngw Ibirāro, cank’ Insago.
18Nuko Yakobo avuye i Padan‐aramu ashika amahoro mu gisagara ca Shekemu, co mu gihugu c’i Kanani; ashinga amahema imbere y’igisagara. 19#Yos 24:32; Yoh 4:5; Ivyak 7:16.Ikibanza yashinzemw’ amahema yiwe akigura na bene Hamori, ari we se wa Shekemu, amahera ijana y’ifeza yitwa kesita. 20Yubakay’ igicaniro, acita El‐elohe‐Isirayeli.#33:20 El‐elohe‐Isirayeli risobanurwa ngw Imana ni yo Mana ya Isirayeli.
Currently Selected:
Itanguriro 33: RUN1967
Tya elembo
Kabola
Copy

Olingi kobomba makomi na yo wapi otye elembo na baapareyi na yo nyonso? Kota to mpe Komisa nkombo
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967