Itanguriro 35
35
Yakobo adūga i Beteli
1 #
Ita 27:43; 28:13, 19. Imana ibarira Yakobo, iti Va hasi, udūge i Beteli, ugerēreyo: unyubakire igicaniro, jewe Imana nakubonekeye igihe wahunga Esau mwene nyoko. 2#Ita 31:19; Kuv 19:10; Yos 24:15, 23; 1 Sam 7:3.Maze Yakobo aca abarira abiwe n’ abari kumwe na we bose, ati Ni mukūreh’ ibigirwamana vy’abanyamahanga biri muri mwebge, mwihumanure, mwambare izindi mpuzu: 3#Ita 28:20; 31:3, 42; 32:7, 24.tuve hasi, tudūge, tuje i Beteli, nanje nubakirey’ Imana igicaniro, imwe yanyumvira ku musi w’ivyago vyanje, kandi yagendanye nanje mu nzira nagenzemwo zose. 4#Yos 24:26; Abac 9:6.Baha Yakobo ibigirwamana vy’abanyamahanga vyose bari bafise, n’impeta zari ku matwi yabo; Yakobo abizīka musi y’ igiti citwa umweloni cari hafi y’i Shekemu. 5#Kuv 15:16; 23:27; Gus 11:25; Yos 2:9.Nuko baragenda; Imana itera ubgoba ibisagara bibakikije, ntibakurikira bene Yakobo. 6#Ita 28:19.Nuko Yakobo ashika i Luzi, ari ho Beteli, ho mu gihugu c’i Kanani, bo n’abantu bose bāri kumwe. 7#Ita 35:1.Ahubaka igicaniro, yita aho hantu Eli‐beteli: kukw ari ho Imana yamwiyerekeye, igihe yahunga mukuru we. 8#Ita 24:59.Kandi Debora, umurezi yari yarareze Rebeka arapfa; bamuhamba hepfo y’i Beteli, musi y’igiti citwa umweloni: bacita Aloni‐bakuti.#35:8 Aloni‐bakuti risobanurwa ng’ Umweloni w’amarira.
Urupfu rwa Rakeli
9 #
Hos 12:4. Igihe Yakobo yar’ agarutse avuyei Padan‐aramu, Imana yongeye kumwiyereka, iramuhezagira. 10#Ita 17:5; 32:28.Imana iramubarira, it’ Izina ryawe ryari Yakobo; ariko ntucitwa Yakobo ukundi, wiswe Isirayeli. Nukw imwita Isirayeli. 11#Ita 17:1-8; 26:3; 48:3, 4.Imana iramubarira, iti Ni jewe Mana Ishobora vyose; urondoke, ugwire; ihanga rizogukomōkako, mbere n’igugu ry’amahanga, n’abami bazokomōka mu rura rwawe; 12kand’ igihugu nemeye ko mpaye Aburahamu na Isaka nzokiguha nawe, n’uruvyaro rwawe ruzogukurikira nzorugiha. 13#Ita 17:22.Imana imusiga aho bivuganiye, iradūga. 14#Ita 28:18.Yakobo ashinga inkingi y’ibuye ah’avuganiye na yo: ayisukakw ishikanwa ry’ibiturire, ayisukako n’amavuta ya elayo. 15#Ita 28:19.Aho hantu Imana ivuganiye na we, Yakobo ahita Beteli.
16Bava i Beteli, baragenda; bari bashigaje akarere, bagashika muri Efurata, Rakeli araramukwa, aragumirwa. 17#Ita 30:24.Maz’ akigumiwe, umwākirizi aramubarira, ati Nta co utinya, kuk’ uhava uvyara uwundi muhungu. 18Maz’ arikw aracīkāna, kuko yaciye ahwera, yita uwo mwana Benoni, ariko se amwita Benyamini.#35:18 Benoni risobanurwa ng’ Umwana wo mu mubabaro wanje; Benyamini risobanurwa ng’ Umwana wo mu butāma bganje. 19#Ita 48:7; Rus 1:2; 4:11; Mik 5:2; Mat 2:6.Nuko Rakeli arapfa, bamuhamba ku nzira ija muri Efurata, ari ho Betelehemu. 20#1 Sam 10:2.Yakobo ashinga inkingi ku mva yiwe: ni yo nkingi y’imva ya Rakeli, ikiriho na bugingo n’ ubu. 21Isirayeli akomeza inzira, ashinga amahema hirya y’umunara wo muri Ederi. 22#Ita 49:4; 1 Ngo 5:1.Maze Isirayeli akiri mur’ ico gihugu, Reyubeni aragenda asambana na Biluha incoreke ya se: Isirayeli arabimenya.
Urupfu rwa Isaka
Nukw abahungu ba Yakobo bari cumi na babiri: 23#Ita 29:31—30:24; 35:17, 18; Kuv 1:2-4.aba Leya ni Reyubeni imfura ya Yakobo, na Simeyoni, na Lewi, na Yuda, na Isakari, na Zebuloni; 24aba Rakeli ni Yosefu na Benyamini; 25aba Biluha incoreke ya Rakeli, ni Dani na Nafutali; 26aba Zilupa incoreke ya Leya, ni Gadi na Asheri: abo ni bo bahungu ba Yakobo yavyariye i Padan‐aramu.
27 #
Ita 13:18; Yos 14:15. Yakobo ashika kwa se Isaka, i Mamure, i Kiriyati‐Araba, ari ho Heburoni, aho Aburahamu na Isaka bāba nk’abashitsi. 28Imisi Isaka yamaze n’imyaka ijana na mirongumunani. 29#Ita 25:9; 49:31.Isaka aracīkāna, apfa yisāziye neza, ageze mu zabukuru, ahamvya ababo: Esau na Yakobo abana biwe baramuhamba.
Currently Selected:
Itanguriro 35: RUN1967
Tya elembo
Kabola
Copy

Olingi kobomba makomi na yo wapi otye elembo na baapareyi na yo nyonso? Kota to mpe Komisa nkombo
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967