1
Matayo 10:16
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi. None rero, mwiyubare nk’inzoka kandi mwitonde nk’inuma.
Харьцуулах
Matayo 10:16 г судлах
2
Matayo 10:39
Umuntu wese agerageza kwironkera ubuzima azobubura, ariko uwubutanga ku bwanje azoburokora.
Matayo 10:39 г судлах
3
Matayo 10:28
Ntimugatinye abashobora kwica umubiri ariko badashobora kwica ubugingo. Ahubwo, mutinye Imana, yo ishobora guhonya ubugingo n’umubiri, ikabita muri Gehinomu.
Matayo 10:28 г судлах
4
Matayo 10:38
Umuntu wese atikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire ntankwiriye.
Matayo 10:38 г судлах
5
Matayo 10:32-33
Umuntu wese azonyemanga imbere y’abantu, nanje nzomwemanga imbere ya Data wo mw’ijuru. Ariko umuntu wese azonyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere ya Data wo mw’ijuru.
Matayo 10:32-33 г судлах
6
Matayo 10:8
Mukize abarwaye, muzure abapfuye, muhumanure abarwaye imibembe, mwirukane abadayimoni. Ivyo mubiherewe ubuntu, namwe mubitangire ubundi.
Matayo 10:8 г судлах
7
Matayo 10:31
Mweho rero, ntimugire ubwoba; kuko musumvya agaciro utunyoni twinshi.
Matayo 10:31 г судлах
8
Matayo 10:34
Ntimwiyumvire ko naje nzanye amahoro kw’isi! Haba na mba! Sinazanye amahoro, ahubwo nazanye intambara
Matayo 10:34 г судлах
Нүүр хуудас
Библи
Тѳлѳвлѳгѳѳ
Видео