Matayo Intangamarara
Intangamarara
Umwanditsi w’igitabu ca mbere c’Ubutumwa Bwiza ni Umuyuda yari yarize. Amakuru amwerekeye yagiye ahanahanwa avuga ko ari Matayo, umutozakori, umwe muri za ntumwa cumi na zibiri za Yesu Kristo. Mu Butumwa Bwiza yanditse, Matayo asubiramwo amajambo menshi yo mw’Isezerano rya Kera, ivyo na vyo bikaba bifise intumbero yo kwerekana ko Yesu yaje gushitsa ivyo abavugishwa n’Imana bari baravuze.
Ubutumwa Bwiza yanditse, bwubakiye ku bice bitanu vy’amajambo Yesu yavuze:
1. Inyigisho yigishirije ku musozi, zivuga ingene umwigishwa wiwe akwiye kwigenza (5:1–7:29);
2. Ivyo yihanikirije abigishwa biwe imbere yo kubarungika mu bikorwa, bari bakwiye kwitondera (10);
3. Imigani isigura ingene Ubwami bw’Imana bumeze (13);
4. Amajambo avuga ivy’ubuzima bw’Ishengero n’ubw’abizera Kristo (18);
5. Amajambo avuga ivy’ibihe vy’iherezo (24:1–25:46).
Inyigisho yerekeye ubwami bw’ijuru ifise ikibanza kidasanzwe mu nyigisho za Yesu, ivyo na vyo bikaba vyerekanwa n’ingene kenshi Yesu yitwa “Umwana wa Dawidi.” Yesu ni we Mwami yari yitezwe, yari yaravuzwe n’abavugishwa n’Imana: ubwo ni bwo Butumwa bwa Matayo. Mbere na barya Banyabwenge b’inyenyeri igihe baja kuraba Yesu, bari bagiye kuraba Umwami w’Abayuda, bagenda bamushiriye ingabire (2:2). Yesu yamenyekanishije ko Ubwami bw’ijuru buri hafi (4:17), kandi ko ubwo Bwami ari ubwo abihanye (3:8), bakemera ko bakeneye Imana mu buzima bwabo (5:1-10).
Ariko naho Umwami Yesu yerekanye ibiranga Ubwami mu gukiza abagwaye, mu guha amasinzi y’abantu bashonje ivyokurya (8; 9; 2; 4–15), abantu ntibamwemeye, baramwanse nk’uko we ubwiwe yari yarabimenyesheje kenshi imbere y’igihe: Abayuda basaba umwami ariko ntibari baratahuye ko uwo mwami yategerezwa guca mu mibabaro.
Pilato amaze kumufata yamubajije ati: Uri umwami w’Abayuda? Yesu aramwishura ati: Uvuze ukuri, ndi we (27:11).
Amaze kuzuka, Yesu yerekanye ko atari Umwami w’Abayuda bonyene gusa, igihe yavuga ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi,” hanyuma aca ategeka ati: “Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa” (28:18-19).
Imbere yo gupfa, Yesu yari yahaye abigishwa biwe urupfunguruzo bakwiye gukoresha kugira ngo bashobore kwinjira mu bwami bwiwe: kwihana, maze bagahinduka bakamera nk’abana batoya (18:3).
လက္ရွိေရြးခ်ယ္ထားမွု
Matayo Intangamarara: BKC
အေရာင္မွတ္ခ်က္
ကူးယူ
ႏွိုင္းယွဥ္
မၽွေဝရန္
မိမိစက္ကိရိယာအားလုံးတြင္ မိမိအေရာင္ခ်ယ္ေသာအရာမ်ားကို သိမ္းဆည္းထားလိုပါသလား။ စာရင္းသြင္းပါ (သို႔) အေကာင့္ဝင္လိုက္ပါ
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.