Chapa ya Youversion
Ikoni ya Utafutaji

Itanguriro 3

3
Uko icaha caje mu bantu
1Mu bikoko vyo mw’ishamba Uhoraho Imana yari yararemye, inzoka ni yo yarusha ibindi ubugunge. Umusi umwe ibaza wa mugore iti: “Ni ivy’ukuri ko Imana yababwiye iti: ‘Ntimukarye ku vyamwa vyo ku giti na kimwe co mw’itongo’?”
2Wa mugore yishura ya nzoka iti: “Turashobora kurya ku vyamwa vyo ku biti vyo mw’itongo, 3ariko Imana yavuze iti: ‘Ntimukarye ku vyamwa vy’igiti kiri hagati mw’itongo, ndetse ntimukagikoreko; kuko nimwabikora, muzopfa.’ ”
4Ya nzoka ibwira wa mugore iti: “Ni ukuri ntimuzopfa. 5Imana irazi ko umusi mwariye ku vyamwa vyaco amaso yanyu azokwuguruka, mukamera nk’Imana ku bijanye no kumenya iciza n’ikibi.”
6Nuko wa mugore abona ko ivyamwa vya ca giti ari vyiza, ko bibereye kuribwa kandi ko bituma umuntu agira ubwenge. Aca afata bimwe mu vyamwa vyaco arabirya, yongera ahako n’umugabo wiwe, na we ararya. 7Ubwo nyene amaso yabo bompi aruguruka, batahura ko bari gusa, baca batangura guterateranya amababi y’ibiti vy’imisukoni kugira ngo baronke ivyo bipfuka.
8Ku mugoroba akayaga kariko karahuhuta, wa mugabo n’umugore wiwe bumva Uhoraho Imana agendagenda mw’itongo, baca barinyegeza mu biti kugira ngo ntababone. 9Uhoraho Imana ahamagara wa mugabo, aramubaza ati: “Uri hehe?”
10Na we arishura ati: “Numvise uriko uragendagenda mw’itongo ngira ubwoba nca ndinyegeza kuko ndi gusa.”
11 Uhoraho Imana aramubaza ati: “Ni nde yakubwiye ko uri gusa? Woba wariye ku vyamwa vya ca giti kandi narabikubujije?”
12Wa mugabo arishura ati: “Ni wa mugore wampa yampaye kuri ivyo vyamwa nca ndarya.”
13 Uhoraho Imana abaza wa mugore ati: “Ni kuki wakoze ivyo?”
Wa mugore arishura ati: “Inzoka ni yo yampenze, ni co gituma nanje nariye kuri ico camwa.”
14Nuko Uhoraho Imana abwira ya nzoka ati: “Ko wubahutse gukora ivyo,
uravumwe kurusha ibikoko vyose vy’ibitungwa
n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba.
Uzohora ugenda ukwega inda hasi
kandi uzorya umukungugu
ubuzima bwawe bwose.
15Nzoshira urwanko
hagati yawe n’uwu umugore
no hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe;
azokumena umutwe,
nawe uzomukomora ku gitsintsiri.”
16Abwira wa mugore na we ati:
“Nzogwiza ububabare bwawe mu gihe cawe co kuvyara;
uzovyara abana ubanje kubabara.
Uzohora wipfuza umugabo wawe,
na we azokuganza.”
17Abwira Adamu na we ati: “Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku vyamwa vya ca giti kandi nari narakwihanikirije nti: ‘Ntiwemerewe kurya ku vyamwa vyaco,’
Isi iravumwe kubera wewe;
uzoronka ivyo urya ubanje kuyirima ukaruha
ubuzima bwawe bwose.
18Izokumerera amahwa n’ibitovu,
kandi uzorya ibimeze kuri yo.
19Kubira icuya mu ruhanga
ni kwo kuzotuma uronka ivyokurya
kugeza usubiye mw’ivu,
kuko ari ryo wavuyemwo.
Kuko uri umukungugu,
kandi uzosubira mu mukungugu.”
20Nuko Adamu yita umugore wiwe Eva, kuko ni we yari agiye kuba nyina w’abafise ubuzima bose.
21Maze Uhoraho Imana akorera Adamu na Eva impuzu mu nsato z’ibikoko arabambika. 22Uhoraho Imana aravuga ati: “Umuntu amaze kumera nkatwe mu bijanye no kumenya iciza n’ikibi. Hamwe yokwamura ivyamwa vyo ku giti c’ubugingo akabirya, yoca abaho ibihe bidashira.” 23Nuko Uhoraho Imana aca yirukana wa muntu muri rya tongo rya Edeni amurungika kurima isi yaremwemwo. 24Amaze kwirukana wa muntu, aca ashira mu buseruko bw’itongo rya Edeni abakerubi hamwe n’inkota yaka umuriro iguma igenda igaruka kugira ngo irinde inzira ija ku giti c’ubugingo.

Iliyochaguliwa sasa

Itanguriro 3: BKC

Kuonyesha

Shirikisha

Nakili

None

Je, ungependa vivutio vyako vihifadhiwe kwenye vifaa vyako vyote? Jisajili au ingia