Itanguriro 4
4
Kayini na Abeli
1Nuko Adamu aryamana na Eva umugore wiwe, na we asama inda, avyara umwana bamwita Kayini. Aravuga ati: “Navyaye umuntu ndabifashijwemwo n’Uhoraho!” 2Mu nyuma avyara uwundi mwana w’umuhungu, bamwita Abeli.
Bamaze gukura, Abeli aba umwungere w’intama, Kayini na we aba umurimyi. 3Igihe kimwe, Kayini azana bimwe mu vyimburwa vyiwe abitanga nk’ishikanwa imbere y’Uhoraho. 4Abeli na we azana intama zavutse ubwa mbere, arazibaga, atanga inyama zazo zinuze nk’ishikanwa. Nuko Uhoraho ashima ishikanwa rya Abeli, 5ariko ntiyashima Kayini n’ishikanwa ryiwe. Maze ivyo bituma Kayini ashavura cane, ariraburanirwa.
6 Uhoraho abaza Kayini ati: “Ni kuki ushavuye utyo? Ni kuki wiraburaniwe? 7Niwakora ibitunganye, uzoshimwa. Ariko niwakora ibidatunganye, icaha kibunze ku muryango kandi gishaka kukuganza, ariko ukwiye kukinesha.”
8Umusi umwe Kayini abwira murumunawe Abeli ati: “Ingo tujane mu mirima.” Bashitseyo, Kayini ahindukirira murumunawe Abeli, aramwica.
9Hanyuma Uhoraho abaza Kayini ati: “Murumunawe Abeli ari hehe?”
Na we arishura ati: “Sindabizi. None ni jewe njejwe kuragira murumunanje?”
10 Uhoraho aravuga ati: “Ivyo wakoze ni ibiki? Amaraso ya murumunawe ariko arasemerera ampamagara avugira mw’ivu! 11Ubu rero uravumwe kandi urirukanywe kuri iyi si yasamye ikamira amaraso ya murumunawe. 12Niwarima, nta co uzokwimbura. Uzoba inyererezi igendagenda kw’isi.”
13Kayini yishura Uhoraho ati: “Igihano ndonse kiraremereye kandi kirandengeye. 14Unyirukanye muri kino gihugu kandi unyirukanye imbere yawe. Ungize inyererezi itagira aho iba kw’isi kandi umuntu wese azombona ashobora kunyica.”
15 Uhoraho aramwishura ati: “Oya, si ko bizogenda. Umuntu azokwica Kayini azobihanirwa incuro indwi.” Nuko Uhoraho ashira kuri Kayini ikimenyetso co kugabisha kugira ngo uwuzomubona ntazomwice. 16Nuko Kayini ava imbere y’Uhoraho, aja kuba mu gihugu c’i Nodi, mu buseruko bwa Edeni.
Uruvyaro rwa Kayini
17Maze Kayini aryamana n’umugore wiwe, na we asama inda avyara umwana bamwita Enoki. Kayini yubaka igisagara, acita Enoki, acitiriye umuhungu wiwe. 18Enoki avyara umwana amwita Iradi; Iradi na we avyara Mehuyayeli; Mehuyayeli na we avyara Metushayeli; Metushayeli na we avyara Lameki.
19Lameki arongora abagore babiri, umwe yitwa Ada uwundi Zila. 20Ada avyara Jabali, maze Jabali aba sekuruza w’ababa mu mahema kandi b’aborozi. 21Murumunawe yitwa Jubali. Uwo na we yabaye sekuruza w’abavuza inanga n’imyironge. 22Zila na we avyara umwana amwita Tubali-Kayini. Na we yabaye umuhinga mu gucura ibikoresho mu mwakaka no mu vyuma. Tubali-Kayini yari afise mushikiwe yitwa Nama.
23Umusi umwe Lameki abwira abagore biwe ati:
“Ada na Zila, nimunyumvirize,
bapfasoni banje, nimwumve amajambo yanje.
Narishe umuntu kuko yankomerekeje,
nica n’umusore kuko yankubise.
24Nimba uwishe Kayini abihanirwa incuro indwi,
uwishe Lameki we azobihanirwa incuro mirongo indwi n’indwi.”
25Adamu yongera kuryamana n’umugore wiwe, na we avyara umuhungu amwita Seti, kuko yavuga ati: “Imana impaye uwundi mwana mu kibanza ca Abeli, uwo Kayini yishe.” 26Seti na we avyara umuhungu, amwita Enoshi.
Muri ico gihe abantu ni ho batangura kwambaza izina ry’Uhoraho.
Iliyochaguliwa sasa
Itanguriro 4: BKC
Kuonyesha
Shirikisha
Nakili
Je, ungependa vivutio vyako vihifadhiwe kwenye vifaa vyako vyote? Jisajili au ingia
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.