Chapa ya Youversion
Ikoni ya Utafutaji

Itanguriro 5

5
Uruvyaro rwa Adamu
1Uru ni rwo rukurikirane rw’abakomoka kuri Adamu.
Igihe Imana yarema abantu, yabaremye mw’ishusho yayo. 2Yabaremye ari umugabo n’umugore kandi irabahezagira, maze ibita “abantu” igihe baremwa.
3Adamu amaze imyaka ijana na mirongo itatu, yavyaye umuhungu yasa na we cane, ishusho yiwe bwite; maze amwita Seti. 4Seti amaze kuvuka, Adamu yabayeho iyindi myaka amajana umunani ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 5Adamu yamaze imyaka amajana icenda na mirongo itatu, hanyuma arapfa.
6Seti amaze imyaka ijana n’itanu yavyaye Enoshi. 7Amaze kuvyara Enoshi, Seti yabayeho iyindi myaka amajana umunani n’indwi, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 8Seti yamaze imyaka amajana icenda na cumi n’ibiri, hanyuma arapfa.
9Enoshi amaze imyaka mirongo icenda, yavyaye Kenani. 10Kenani amaze kuvuka, Enoshi yabayeho iyindi myaka amajana umunani na cumi n’itanu ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 11Enoshi yabayeho imyaka amajana icenda n’itanu, hanyuma arapfa.
12Kenani amaze imyaka mirongo indwi, yavyaye Mahalaleli. 13Mahalaleli amaze kuvuka, Kenani yabayeho iyindi myaka amajana umunani na mirongo ine, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 14Kenani yamaze imyaka amajana icenda na cumi, hanyuma arapfa.
15Mahalaleli amaze imyaka mirongo itandatu n’itanu, yavyaye Yaredi. 16Yaredi amaze kuvuka, Mahalaleli yabayeho iyindi myaka amajana umunani na mirongo itatu, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 17Mahalaleli yamaze imyaka amajana umunani na mirongo icenda n’itanu, hanyuma arapfa.
18Yaredi amaze imyaka ijana na mirongo itandatu n’ibiri, yavyaye Enoki. 19Enoki amaze kuvuka, Yaredi yabayeho iyindi myaka amajana umunani, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 20Yaredi yamaze imyaka amajana icenda na mirongo itandatu n’ibiri, hanyuma arapfa.
21Enoki amaze imyaka mirongo itandatu n’itanu, yavyaye Metusela. 22Metusela amaze kuvuka, Enoki yabayeho iyindi myaka amajana atatu, agendana n’Imana, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 23Enoki yamaze imyaka amajana atatu na mirongo itandatu n’itanu, 24agendana n’Imana. Hanyuma umusi umwe arazimangana abantu baramubura, kuko Imana yamujanye.
25Metusela amaze imyaka ijana na mirongo umunani n’indwi, yavyaye Lameki. 26Lameki amaze kuvuka, Metusela yabayeho iyindi myaka amajana indwi na mirongo umunani n’ibiri, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 27Metusela yamaze imyaka amajana icenda na mirongo itandatu n’icenda, hanyuma arapfa.
28Lameki amaze imyaka ijana na mirongo umunani n’ibiri, yavyaye umwana w’umuhungu. 29Nuko uwo muhungu amwita Nowa, avuga ati: “Uzotuzanira ihumure mu bikorwa vy’umuruho tugira mu kurima iyi si Uhoraho yavumye.” 30Nowa amaze kuvuka, Lameki yabayeho iyindi myaka amajana atanu na mirongo icenda n’itanu ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 31Lameki yamaze imyaka amajana indwi na mirongo indwi n’indwi, hanyuma arapfa.
32Nowa amaze imyaka amajana atanu, yavyaye abahungu batatu, ari bo Shemu, Hamu na Yafeti.

Iliyochaguliwa sasa

Itanguriro 5: BKC

Kuonyesha

Shirikisha

Nakili

None

Je, ungependa vivutio vyako vihifadhiwe kwenye vifaa vyako vyote? Jisajili au ingia