Chapa ya Youversion
Ikoni ya Utafutaji

Itanguriro 6

6
Isi yononekara
1Abantu bamaze kugwira kw’isi bakavyara abakobwa, 2abana b’Imana babonye ko abo bakobwa b’abantu ari beza, maze barongora abo bihitiyemwo. 3Uhoraho aravuga ati: “Mpwemu wanje ntazokwama yihanganira abantu, kuko ari imibiri ipfa gusa. Kuva ubu ntibazorenza imyaka ijana na mirongo ibiri.”
4Muri iyo misi, no mu misi yakurikiye, kw’isi haba ibigatanya vy’Abanefilimu. Aho ni igihe abana b’Imana begera abakobwa b’abantu bakavyarana na bo. Abo ni bo bahizi ba kera, abantu ba rurangiranwa.
5Maze Uhoraho abona ingene ibibi abantu bakora vyabaye vyinshi kw’isi, n’ingene ivyo bakora n’ivyo biyumvira imisi yose ari ibibi gusa. 6Ivyo bituma Uhoraho yicuza igituma yararemye abantu akabashira kw’isi, umutima wiwe wuzura umubabaro. 7Uhoraho aravuga ati: “Ngiye kurandura aba bantu bose naremye ndabakure kw’isi. Nzobarandurana n’ibikoko bininibinini na bitobito, ivyikwega hasi n’inyoni zo mu kirere, kuko ndicujije icatumye ndabirema.” 8Ariko Nowa we Uhoraho amugirira ubuntu.
Inkuru ya Nowa
9Iyi ni yo nkuru ya Nowa n’umuryango wiwe.
Nowa yari umugororotsi, ni we muntu wenyene yaba kw’isi muri ico gihe atagira umugayo kandi yagendana n’Imana. 10Nowa yari afise abahungu batatu: Shemu, Hamu na Yafeti.
11Muri ico gihe, isi yari yarononekaye mu maso y’Imana, yuzuyemwo ubugizi bwa nabi. 12Nuko Imana yihweza ingene isi yononekaye, kuko abantu bose bo kw’isi bakora ibibi, 13maze ibwira Nowa iti: “Nafashe ingingo yo kurandura abantu bose, kuko isi yuzuye ibibi ku bwabo. Ngiye kubarandurana n’isi! 14Wewe niwibazire ubwato mu giti citwa goferi. Uze ubushiremwo ivyumba hanyuma ubuhomeshe ikaburimbi imbere n’inyuma. 15Uku ni ko uzobukora: uburebure buze bube ingero z’igice c’ukuboko amajana atatu#6:15 Ni nk’imetero 135., ubwaguke ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu#6:15 Ni nk’imetero 23., uburebure bw’igihagararo na bwo ingero z’igice c’ukuboko mirongo itatu#6:15 Ni nk’imetero 14.. 16Uze usakare ubwo bwato, ariko usigaze umwanya wuguruye ungana n’ingero y’igice c’ukuboko imwe#6:16 Ni nk’isantimetero 45. musi y’igisakazo. Uze kandi ushire umuryango mu mbavu, hanyuma wubake ibisenge bitatu, ico hasi, ico hagati n’ico hejuru. 17Ngiye guteza umwuzure kw’isi uzorandura ikintu cose kizima musi y’ijuru. Ikintu cose kiri kw’isi kizopfa. 18Ariko nzogirana isezerano nawe. Uze winjire mu bwato, wewe n’umugore wawe, n’abahungu bawe n’abagore babo. 19Uze winjirane mu bwato bibiribibiri mu bifise ubuzima vyose, ikigabo n’ikigore mu bwoko bwose bw’ibikoko, kugira ngo bikirane nawe. 20Inyoni zibirizibiri mu bwoko bwose bw’inyoni, ibikoko bibiribibiri vyo mu bwoko bwose bw’ibikoko bininibinini, n’ivyikwega hasi; vyose bizoza aho uri kugira ngo bikirane nawe. 21Kandi uze wibuke kujana ivyokurya bikwiye umuryango wawe n’ibikoko vyose.”
22Nuko Nowa akora vyose nk’uko Imana yabimutegetse.

Iliyochaguliwa sasa

Itanguriro 6: BKC

Kuonyesha

Shirikisha

Nakili

None

Je, ungependa vivutio vyako vihifadhiwe kwenye vifaa vyako vyote? Jisajili au ingia