Itanguriro 7
7
  1  Uhoraho abwira Nowa ati: “Injira mu bwato, wewe n’umuryango wawe wose, kuko nasanze ari wewe wenyene ugororotse mu bantu b’iki gihe. 2Injirana ibikoko indwi vyo mu bwoko bwose bidahumanye, ikigabo n’ikigore; na bibiribibiri mu bikoko bihumanye, ikigabo n’ikigore, 3wongere winjirane inyoni indwi zo mu bwoko bwose, ingabo n’ingore. Uko ni ko ubwoko bwavyo buzobandanya bubaho kw’isi inyuma y’umwuzure. 4Mu misi indwi ngiye kurungika imvura kw’isi imare imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine igwa, kugeza ndanduye ikintu cose kizima naremye.”
  5Nuko Nowa akora ivyo Uhoraho yamutegetse vyose.
  6Nowa yari amaze imyaka amajana atandatu igihe umwuzure warengera isi. 7Nuko Nowa, abahungu biwe, umugore wiwe n’abakazana biwe binjira mu bwato kugira ngo bahunge umwuzure. 8Ubwoko bwose bw’ibikoko bidahumanye n’ibihumanye, n’ubw’inyoni hamwe n’ubw’ibikoko bitobito vyikwega hasi 9vyinjirana na Nowa mu bwato ari bibiribibiri, ikigabo n’ikigore, nk’uko Imana yari yabitegetse Nowa. 10Imisi indwi iheze ni ho umwuzure waza kw’isi.
  11Nowa amaze imyaka amajana atandatu, ku musi ugira indwi w’ukwezi kwa kabiri, amazi yose y’i kuzimu arazikuruka, n’ingomero zo mw’ijuru ziragomoroka. 12Nuko imvura igwa kw’isi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine.
  13Uwo musi nyene ni ho Nowa yinjirana mu bwato n’umugore wiwe, n’abahungu biwe: Shemu, Hamu na Yafeti hamwe n’abagore babo. 14Bari kumwe n’ibikoko vy’ubwoko bwose: ibitungano n’ibinyeshamba, ivyikwega hasi, hamwe n’ubwoko bwose bw’inyoni n’ibiguruka. 15Bibiribibiri mu vyaremwe vyose bifise ubuzima vyaje aho Nowa ari vyinjira mu bwato. 16Ivyinjiye vyari ikigore n’ikigabo vyo mu bwoko bwose, nk’uko Imana yari yabitegetse Nowa. Hanyuma Uhoraho aca avyugaranira mu bwato na Nowa.
  17Nuko umwuzure ubandanya kwongerekana kumara imisi mirongo ine; amazi aba menshi, maze bwa bwato buca butangura kureremba hejuru y’isi. 18Amazi amaze kuduga akagwira rwose kw’isi, ubwato buca bureremba hejuru yayo. 19Nuko amazi aragwira cane kw’isi arengera n’imisozi miremire yo musi y’ijuru, 20araduga arengera amasonga y’imisozi iruta iyindi gushika nko ku ngero z’igice c’ukuboko cumi na zitanu#7:20 Ni nk’imetero 6,8.. 21Ibifise ubuzima vyose biri kw’isi birapfa: inyoni, ibikoko vy’ibitungwa, ibenyeshamba n’ibindi bikoko bitobito vyikwega hasi, n’abantu bose. 22Ikintu cose kizima caba kw’isi kirapfa. 23Uko ni ko Imana yaranduye ikintu cose gifise ubuzima: abantu, ibikoko, ivyikwega hasi hamwe n’inyoni zo mu kirere; vyose vyararanduwe. Nowa n’abari kumwe na we mu bwato ni bo bonyene barokotse.
  24Kandi umwuzure wamaze imisi mirongo itanu urengeye isi.
      Iliyochaguliwa sasa
Itanguriro 7: BKC
Kuonyesha
Shirikisha
Nakili

Je, ungependa vivutio vyako vihifadhiwe kwenye vifaa vyako vyote? Jisajili au ingia
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.