Itanguriro 8
8
Umwuzure ugabanuka
1Maze Imana yibuka Nowa n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba hamwe n’ibitungano vyari kumwe na we mu bwato, nuko irungika umuyaga kw’isi, maze amazi atangura kugabanuka. 2Amazi y’i kuzimu ntiyasubira kuzikuruka, kandi na ya mvura y’isegenya irahita. 3Nuko amazi y’umwuzure abandanya agabanuka kw’isi. Inyuma y’imisi ijana na mirongo itanu yari yagabanutse cane. 4Ku musi ugira indwi w’ukwezi kw’indwi, bwa bwato buhagarara kuri umwe mu misozi ya Ararati. 5Nuko amazi abandanya agabanuka gushika mu kwezi kw’icumi. Ku musi wa mbere w’ukwezi kw’icumi ni ho amasonga y’imisozi yatangura kuboneka.
6Inyuma y’imisi mirongo ine, Nowa yugurura idirisha yari yarasigaje ku bwato, 7arekura igikona, na co kiraguruka kigenda kigaruka, kugeza igihe amazi yakamye kw’isi. 8Hanyuma Nowa arekura inuma kugira ngo arabe ko amazi yagabanutse kw’isi. 9Ariko iyo numa ibura aho igwa, kuko amazi yari akirengeye isi. Nuko igaruka ku bwato, maze Nowa agorora ukuboko yinjiza ya numa mu bwato. 10Haheze iyindi misi indwi, Nowa yongera kurekura ya numa kandi. 11Ya numa igarutse ku mugoroba, izana ibabi rishasha ry’igiti ca Elayo mu kanwa kayo. Maze Nowa atahura ko amazi yagabanutse kw’isi. 12Yongera arindira iyindi misi indwi, maze arekura ya numa kandi; ariko uwo musi ntiyagaruka.
13Ico gihe Nowa yari amaze imyaka amajana atandatu n’umwe. Ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere kw’uwo mwaka, amazi yari yamaze gukama. Nuko Nowa akurako icari gipfutse ubwato, maze abona ko isi iriko irumuka. 14Ku musi ugira mirongo ibiri n’indwi w’ukwezi kwa kabiri isi yari imaze kwumuka rwose.
15Imana ibwira Nowa iti: 16“Va mu bwato, wewe n’umugore wawe, n’abahungu bawe hamwe n’abagore babo. 17Rekura ibifise ubuzima vyose muri kumwe, inyoni, ibikoko n’ivyikwega hasi, kugira ngo birondoke kandi bigwire kw’isi.”
18Nuko Nowa, umugore wiwe, abahungu biwe n’abagore babo bava mu bwato. 19Ibikoko vyose, ivyikwega hasi n’inyoni zose n’ibigendagenda kw’isi vyose birasohoka biva mu bwato, nk’uko amoko yavyo ari.
20Maze Nowa yubakira Uhoraho igicaniro, afata bimwe mu bikoko n’inyoni bidahumanye, abitangako ikimazi kuri ico gicaniro. 21Uhoraho anezerezwa n’ubumote bw’ico kimazi, araheza yivugana mu mutima ati: “Sinzosubira kuvuma isi ndayiziza abantu, naho ivyiyumviro vyo mu mitima yabo ari bibi kuva mu buto bwabo. Kandi sinzosubira kurandura ibifise ubuzima vyose nk’uko mpejeje kubikora.
22Isi ikiriho,
igihe co kubiba n’ico kwimbura,
igihe c’imbeho n’ic’ubushuhe,
igihe c’ici n’ic’agatasi,
hamwe n’igihe c’ijoro n’ic’umurango,
bizokwamaho.”
Iliyochaguliwa sasa
Itanguriro 8: BKC
Kuonyesha
Shirikisha
Nakili
Je, ungependa vivutio vyako vihifadhiwe kwenye vifaa vyako vyote? Jisajili au ingia
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.