Luka 22

22
Yuda agura Yesu
1 # Mat 26:1-5; Mrk 14:1, 2. Imisi mikuru y’imitsima itambiwe, yitwa Pasika, yagira ishike. 2#Luk 20:19.Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barondera uburyo bgo kumwica, kuko batinya abantu. 3#Yoh 13:2, 27.Satani yinjira muri Yuda ari we Isikaryota, yari mu gitigiri ca bamwe cumi na babiri.#Mat 26:14-16; Mrk 14:10, 11. 4Aragenda, aja inama n’abaherezi bakuru n’abakuru b’abashibamyi b’urusengero, y’uburyo bgo kumubaronkera. 5Baranezerwa, basezerana kumuha amahera y’ifeza. 6Na we aremera, arondera uburyo bgo kumubaronkera, ishengero ritariho.
Yesu n’abigishwa basangira ivya Pasika
7 # Kuv 12:18-20. Umusi w’imitsima itambiwe urashika, uwo bakwiye kubāgak’ umwagazi w’intama wa Pasika.#Mat 26:17-29; Mrk 14:12-25. 8Atuma Petero na Yohana, arababarira, ati Ni mugende, mudutegurire ivya Pasika, kugira ngo turye. 9Baramubaza, bat’ Ugomba ko tubitegurira hehe? 10Arabishura, at’ Umve, mumaze gushika mu gisagara, murahūra n’umugabo yikoreye umubindi w’amazi; mumukurikire mu rugo ajamwo. 11Mubgire nyen’ urugo, mut’ Umwigisha agize ngw Indāro iri hehe, ah’ asangirira ivya Pasika n’abigishwa biwe? 12Na we arabereka icumba kinini co mu nzu yo hejuru gitunganijwe: abe ari co muteguriramwo. 13#Luk 19:32.Baragenda, babisanga uko yabibabariye: bategura ivya Pasika.
14Igihe gishitse, aricara ngw arye, kand’ intumwa na zo zicarana na we. 15Arababgira, ati Kwifuza nifuje cane gusangira namwe ivy’ iyi Pasika, ntarababazwa. 16#Luk 13:29.Ndababgire, Sinzokwongera kuyiryako, kugeza ah’ izoshikira mu bgami bg’Imana.
Yesu atanguza Ingaburo Yera
17Yābīra igikombe, agishimira Imana, arababarira, ati Mwābīre iki, mugisangire: 18kuko mbabgira yuk’ uhereye none ntazokwongera kunywa ku nzabibu, kugeza ah’ ubgami bg’Imana buzozira. 19#1 Kor 11:23-25; Ivyak 27:35.Yābīra umutsima, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubaha, arababgira, at’ Uyu n’umubiri wanje ubatangiwe: murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje. 20#Kuv 24:8; Yer 31:31; Zek 9:11.N’igikombe akigenza artyo bahejeje kurya, arababgira, at’ Iki gikombe n’isezerano risha ryo mu maraso yanje, abaviriye.
Yesu avuga yuk’ umwe mu ntumwa agira amugure
21 # Yoh 13:21, 22. Kandi rāba, ukuboko kw’ ūngura kuri kumwe nanje ku meza. 22N’ukuri, Umwana w’umuntu aragenda, nk’uko vyashinzwe: arik’ uwo muntu amugura azobona ibara. 23Batangura kubazanya, ngo ni nde muri bo agira akore ico kintu.
Abigishwa baja impāri z’ivy’ ubukuru
24 # Luk 9:46. Maze havyuka impāri muri bo, z’uwo bagereranyako kw ar’ umukuru uw’ ari we. 25#Mat 20:25-27; Mrk 10:42-44.Arababgira, at’ Abami b’amahanga bayatwaza amanyama, n’abafise ububasha bgo kuyaganza bitwa ba rutungaboro. 26Ariko mwebge s’uko: mugab’ umukuru muri mwebge abe nk’umuto, n’ūganza abe nk’ūbakorera. 27#Yoh 13:4-14.Umukuru ni nde, n’ūkorerwa, canke n’ūmukorera? Mbega s’ūkorerwa? Ariko jeho ndi hagati muri mwebge mmeze nk’ūbakorera. 28Ni mwebge mwamanye nanje mu vyo nageragejwe. 29#Luk 12:32.Nanje mbabīkiye ubgami, nk’uko Data yabumbīkiye, 30#Mat 19:28.ngo muze murīre, munywere ku meza yanje mu bgami bganje: kandi muzokwicara ku ntebe z’icubahiro, mucire imanza imiryango y’Abisirayeli, ukw ar’icumi n’ibiri.
Yesu avuga ko Petero ahava amwihakana gatatu
31 # 2 Kor 2:11; Am 9:9. Ati Simoni, Simoni, rāba Satani yabasavye ngw abagosore nk’ingano;#Mat 26:31-35; Mrk 14:27-31; Yoh 13:36-38. 32#Yoh 17:11, 15, 20; Zab 51:13.ariko wewe nagusengeye ng’ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz’ uremeshe bagenzi bawe. 33Aramubgira, ati Mugenzi, niteguye kujana nawe no mw ibohero no mu rupfu. 34Aramubgira, ati Petero, ndakubgire, Inkoko itarabika uyu musi, uhava unyihakana gatatu ngo ntunzi.
35 # Luk 9:3; 10:4. Kand’ arababaza, ati Hamwe nabatuma mudafise umupfuko w’amahera cank’ isaho cank’ inkweto, har’ ico mwabuze? Baramwishura, bati Nta co twabuze. 36Arababgira, at’ Ariko noneho, ūfise umupfuko w’amahera awujane, n’ūfise isaho ayijane; kand’ ūdafise inkota, ashōre impuzu yiwe ayigure. 37#Yes 53:12; Luk 22:52.Ndababgire, Ibi vyanditswe bikwiye kunshikako, ngo Yaharūranywe n’abanyabicumuro. Kukw ivyanje bigira bishike. 38Baramubgira, bati Mushingantahe, ehe, ngizi inkota zibiri. Arababgira, ati Ziramaze.
Yesu asengana umubabaro
39 # Luk 21:37; Yoh 18:1. Arasohoka, aja ku musozi wa Elayono, nk’uko yamenyereye: abigishwa biwe na bo baramukurikira.#Mat 26:30, 36-46; Mrk 14:26, 32-42. 40Ashitse aho hantu, arababarira, ati Ni musenge, kugira ngo ntimuje mu mosha mabi. 41Atandukana na bo, ashika nk’ahoterwa ibuye, arapfukama, arasenga, 42#Mat 6:10.ati Data, asangw’ ubigomba, kūra iki gikombe, kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba. 43#1 Abam 19:5; Yoh 12:29.Umumarayika aramwiyereka, avuye mw ijuru, amuha intege. 44Arushirije kwicwa n’umubabaro, ashishikara gusenga cane, icuya ciwe kiba nk’ibitonyanga binini vy’amaraso bitonyanga hasi. 45Amaze gusenga, ava hasi aja ah’abigishwa bari, asanga basinzirijwe n’umubabaro. 46Arababaza, ati N’iki gitumye musinzira? Ni muvyuke, musenge, ntimuje mu mosha mabi.
Bafata Yesu
47 # Mat 26:47-56; Mrk 14:43-49; Yoh 18:2-11. Akivuga, haza igitero kizanywe n’uwitwa Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, abagiye imbere: yēgēra Yesu, ngw amusome. 48Yesu aramubaza, ati Yuda, mbeg’ utangisha Umwana w’umuntu kumusoma? 49Abāri kumwe na we babonye ibigira bibeho, baramubaza, bati Mugenzi, tubakubite inkota? 50Umwe muri bo ayikubita umusavyi w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi kw’i buryo. 51Yesu arababarira, ati Geza aho. Akora ku gutwi kwiwe, aramukiza. 52#Luk 22:37.Yesu abaza abaherezi bakuru n’abakuru b’abashibamyi b’urusengero n’abashingantahe bamuziye, ati Mbega munziye nk’umwambuzi, muzanye inkota n’amahiri? 53#Yoh 7:30; 8:20; Kol 1:13.Imisi yose nāmana namwe mu rusengero ko mutāramvuye amaboko ngo mumfate; arikw iki n’igihe canyu n’ic’ ububasha bg’umwiza.
Petero yihakana Yesu
54 # Mat 26:57, 58, 69-75; Mrk 14:53, 54, 66-72; Yoh 18:12-18, 25-27. Baramufata, baramujana, bamwinjiza mu nzu y’umuherezi mukuru, ariko Petero amuja inyuma barenga arenguka. 55Bacanye umuriro mu rugo hagati, bicaye hamwe, Petero yicara hagati muri bo. 56Incoreke imubona yicaye ahabona, imwitegereje iravuga, iti N’uyu yari kumwe na we. 57Na we arabihakana, at’ Eka nyina wanje, sindanamuzi. 58Hashize akanya gato, uwundi aramubona, aramubgira, ati Nawe nyene ur’ uwo muri bo. Petero aramwishura, at’ Eka wa muntu, si jewe. 59Hashize umwanya nk’isaha imwe, uwundi abivuga yigumiye, ati N’ivy’ ukuri, uyu yari kumwe na we, bitayeko n’Umunyagalilaya. 60Petero aramubgira, at’ Eka wa muntu, sinzi n’ivy’ uvuze. Akivuga, uwo mwanya inkoko irabika. 61#Luk 22:34.Umwami Yesu arakebuka, yitegereza Petero. Petero yibuka rya jambo ry’Umwami, ingene yamubgiye, at’ Uyu musi inkoko itarabika, uja kunyihakana gatatu. 62Arenga irembo, araturika ararira.
Bashinyagurira Yesu
63 # Mat 26:67, 68; Mrk 14:65. Abagabo bāri bafashe Yesu baramushinyagurira, baramutonagura, 64bamupfuka mu maso, baramubaza, bati Pfīndūra: ni nde agukubise? 65N’ibindi vyinshi babimuvuga bamutuka.
Abaherezi n’abashingantahe bacira Yesu urubanza
66 # Mat 26:59-66; Mrk 14:55-64. Iryo joro rikeye, hakorana abashingantahe b’ubgo bgoko, ni bo baherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, bamujana mw ikombe ryabo, baramubaza, 67#Yoh 3:12; 8:45; 10:24.bati Namb’ uri Kristo, tubgire. Arababgira, ati N’iyo nobabgira, ntimwovyemera; 68n’iyo nobabaza, ntimwonyishura. 69#Dan 7:13; Zab 110:1.Arik’ uhereye none Umwana w’umuntu azoba yicaye i buryo bg’ububasha bg’Imana. 70Bose baramubaza, bati None rer’ ur’ Umwana w’Imana? Arabishura, ati Murarivuze ko ndi we. 71Bati Turacaronderera iki ivyabona? Kuk’ ubgacu tuvyīyumviye mu kanwa kiwe.

Currently Selected:

Luka 22: RUN1967

Qaqambisa

Share

Copy

None

Ufuna ukuba iimbalasane zakho zigcinwe kuzo zonke izixhobo zakho? Bhalisela okanye ngena