Luka 20
20
Abaherezi bakuru babaza Yesu ububasha bgiwe
1 #
Mat 21:23-27; Mrk 11:27-33. Umusi ur’ izina, yigishiriza abantu mu rusengero, avuga ubutumwa bgiza, abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bazanana kuri we n’abashingantahe: 2baramubaza, bati Tubgire, n’ububasha ki bugutera gukora ivyo, canke ni nde yaguhaye ubgo bubasha? 3Arabishura, ati Nanje hinge ndababaze ijambo, mumbgire: 4non’ ukubatiza kwa Yohana kwāturutse mw ijuru, canke se mu bantu? 5Bībūranya muri bo, bati Ni twavuga tuti Ni mw ijuru; ahava atubaza, ati N’iki cababujije kumwemera? 6Ariko ni twavuga tuti Ni mu bantu, abantu bose baradutera amabuye, kuko bemeye badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n’Imana. 7Bamwishura yuko batazi aho kwavuye. 8Yesu arababgira, ati Nuko rero nanje simbabgira ububasha bunkoresha ivyo.
Umugani w’abarimyi b’abagarariji
9 #
Yes 5:1. Atangura gucira abantu uyu mugani, ati Hābaye umuntu yateye uruzabibu, arusigarana abarimyi, aja mu mahanga, amaray’ igihe kirekire.#Mat 21:33-46; Mrk 12:1-12. 10#2 Ngo 36:15, 16.Igihe c’iyera kigeze, atuma umukozi kuri ba barimyi, ngo bamwamurire inzabibu z’uruzabibu: abo barimyi baramushishagura, bamurungika gusa. 11Yongera gutuma uwundi mukozi; uwo na we baramushishagura, baramutetereza, bamurungika gusa. 12Atuma n’uwa gatatu; uwo na we baramukomeretsa, baramuhinda. 13Nyen’ uruzabibu aribaza, ati Ngire nte? Ndatuma umwana wanje nkunda, kumbure bazomusonera. 14Arikw abo barimyi bamubonye baja inama, bat’ Urya ni we samuragwa; tumwice, kugira ng’ umwandu uz’ ube uwacu. 15Bamuhindira inyuma y’uruzabibu, baramwica. None nyen’ uruzabibu azobagira ate? 16Azoza yice rubi abo barimyi, uruzabibu arusigarane abandi. Bavyumvise baravuga, bati Biragahera. 17Arabitegereza, arababaza, ati None rer’ aya majambo yanditswe n’amaki,
ngw Ibuye abubatsi bāgaye,
Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka?#Zab 118:22.
18 #
Yes 8:14. Ūzogwa kur’ iryo buye wese azovunagurika, arik’ uwo rizogwako wese rizomuvungura.
19 #
Luk 19:48. Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’abaherezi bakuru ako kanya barondera ingene bomushōrerakw amaboko, ariko batinya abantu: kuko bamenye yukw ari bo yaciyek’ uwo mugani.
Abafarisayo bamugezesha ivy’ ikori
20 #
Luk 11:54. Baramugenza, batuma abo kumudaha bīgira intungane, ngo bakūre urwitwazo mu vyo avuga, bamushīre segaba nyen’ ububasha, ari we cēgēra ca Kayisari.#Mat 22:15-22; Mrk 12:13-17. 21Baramubaza, bati Mwigisha, turazi yuk’ uvuga kandi wigisha neza, kandi k’udatinya ijunja ry’abantu, ariko ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri: 22mbega biremerwa ko dutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa? 23Maz’ amenya ubugunge bgabo, arababgira, 24ati Ni munyereke idenariyo; igishushanyo n’ivyanditswe kuri yo n’ivya nde? Bati N’ivya Kayisari. 25Arababarira, ati Nuko rer’ ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’ Imana mubihe Imana. 26Ntibāshobora gukūra urwitwazo mur’ ayo majambo imbere y’abantu, batangazwa n’ivyo abishuye, barahora.
Yesu yishura Abasadukayo ivy’ ukuzuka
27 #
Mat 22:23-33, 46; Mrk 12:18-27, 34. Abasadukayo bamwe baza kuri we, ni bo bahakana yukw ata kuzuka kuriho, baramubaza, 28#Ita 38:8; Gus 25:5, 6.bati Mwigisha, Mose yatwandikiye yuko mwene nyina w’umuntu ni yapfa ar’ imponnyi, agasiga umugore, mwene nyina akwiye gucūra uwo mugore, ngw ahonore mwene nyina. 29Nuko rero hābaye abavukana ndwi: uwa mbere arongora umugore, apfa ar’ imponnyi: 30uwa kabiri aramucūra, 31n’uwa gatatu nyene, nuko bose ukw ar’indwi baramucūra, bapfa badasize impfuvyi. 32Hanyuma na wa mugore arapfa. 33None mw izuka azoba muka nde muri bo? Ko bāri bamufise bose ukw ar’indwi! 34Yesu arabishura, at’ Ab’ iyi si bararongora, kandi barashingirwa, 35arikw abemerewe gushika muri ya si yindi no kuzuka mu bapfuye ntibarongora kandi ntibashingirwa; 36#1 Yoh 3:1, 2.kandi ntibaba bagishobora gupfa, kuko baringaniye n’abamarayika, kand’ ar’ abana b’Imana, kukw ar’ abana b’ukuzuka. 37#Kuv 3:2, 6.Arikw abāpfuye ko bazuka na Mose yabimenyekanishije hamwe havuga ivy’ Igisaka c’amahwa, aho yita Uhoraho Imana ya Aburahamu n’Imana ya Isaka n’Imana ya Yakobo. 38#Rom 14:8.Ereg’ Imana s’iy’ abāpfuye, ariko n’iy’ abariho: kuko kuri yo bose bariho. 39Bamwe mu banyabgenge b’ivyanditswe baramwishura, bati Mwigisha, uvuze neza. 40Ntibāba bacubahuka kumubaza irindi jambo.
Umwana wa Dawidi
41 #
Mat 22:41-45; Mrk 12:35-37. Arababaza, ati Bavuga bate yuko Kristo ari mwene Dawidi? 42Ko Dawidi ubgiwe avuga mu gitabo ca Zaburi,
at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje,
At’ Icara i buryo bganje,#Zab 110:1; Yoh 7:42.
43Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y’ibirenge vyawe.
44Dawidi ko yamwise Umwami, non’ ashobora ate kuba umwana wiwe?
Uburyarya bg’abanyabgenge b’ivyanditswe
45 #
Mat 23:1, 5-7, 14; Mrk 12:38-40. Maz’ abarira abigishwa biwe, abantu bose bumva, 46#Luk 11:43.ati Mwirinde abanyabgenge b’ivyanditswe, bakunda kugenda bambaye imvune, bagakunda kugirwako bgakeye mu tuguriro, no kwicara ku ntebe z’icubahiro mu masinagogi, n’ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe. 47Barya ingo z’abapfakazi, kandi basengesha menshi bahūmba; abo bazocirwa urubanza ruruta izindi.
Okuqokiwe okwamanje:
Luka 20: RUN1967
Qhakambisa
Dlulisela
Kopisha
Ufuna ukuthi okuvelele kwakho kugcinwe kuwo wonke amadivayisi akho? Bhalisa noma ngena ngemvume
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967