1
Luka 6:38
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
ingero nziza, itsindagiye, inyingishe, isēsekaye, ni yo bazobaha mu co muteze. Kukw ingero mugeramwo ari yo muzosubirizwamwo namwe.
مقایسه
Luka 6:38 را جستجو کنید
2
Luka 6:45
Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, n’umunyangeso mbi akūra ibibi mw itunga ribi: ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kiwe kavuga.
Luka 6:45 را جستجو کنید
3
Luka 6:35
Ariko mukunde abansi banyu, mubagirire neza, mugurane abantu, mutaziga ko muzoguranurwa; kand’ impēra zanyu zizoba nyinshi, namwe muzoba abana b’Īsumba vyose; kukw igirira neza intashima n’ababi.
Luka 6:35 را جستجو کنید
4
Luka 6:36
Mugire imbabazi, nk’uko So agira imbabazi.
Luka 6:36 را جستجو کنید
5
Luka 6:37
Kandi ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa; kandi ntimugatsindishe, namwe mukazotsindishwa; mubohore, namwe muzobohorwa; mutange, namwe muzohabga
Luka 6:37 را جستجو کنید
6
Luka 6:27-28
Ariko mwebge mwumva ndababgire: Mukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka, muhezagire ababavuma, musabire ababagirira nabi.
Luka 6:27-28 را جستجو کنید
7
Luka 6:31
Kand’ uko mugomba kw abantu babagirira, mube ari ko mubagirira namwe.
Luka 6:31 را جستجو کنید
8
Luka 6:29-30
Ūgukubise mu musaya, umuhindukirize n’uwundi; ūkwaka umutamana, ntumwime n’ipfundo. Ūgusaba wese umuhe, ūnyaga ivyawe ntuz’ ubimwake ukundi.
Luka 6:29-30 را جستجو کنید
9
Luka 6:43
Kukw ata giti ciza cama ibibi, kandi nta giti kibi cama ivyiza.
Luka 6:43 را جستجو کنید
10
Luka 6:44
Igiti cose kimenyekanira ku vyo camye: nta bokwamura insukoni ku munyinya, cank’ inzabibu ku mukēre.
Luka 6:44 را جستجو کنید
خانه
كتاب مقدس
برنامههای مطالعه
ویدیوها