Yohana 10

10
Umwungere mwiza
1N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūdaca mw irembo ry’urugo rw’intama, arikw akūririra ahandi, uwo aba ar’ igisuma n’umwambuzi. 2Arik’ ūca mw irembo ni we mwungere w’intama. 3Umuteramyi w’irembo aramwugururira, kand’ intama zumva ijwi ryiwe; ahamagara iziwe ntama mu mazina yazo, akaziturutsa. 4Kand’ iy’ amaze guturutsa iziwe zose, azija imbere, zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe. 5#Yoh 10:27.Arik’ uwo zitazi ntizomukurikira na mba, zomuhunga, kuko zitazi amajwi y’abandi. 6#Yoh 16:25.Yesu abacira uwo mugani, ariko bo ntibatahura ivyo ababgira ivy’ ari vyo.
7 # Zab 118:20; Yoh 14:6; Mat 7:13, 14. Nuko Yesu yongera kubabgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni jewe rembo ry’intama. 8#Yer 23:1, 2.Abanyītangiye imbere bose bār’ ibisuma n’abambuzi, arikw intama ntizabumviye. 9#Zab 118:20; Yoh 14:6; 1 Kor 3:15.Ni jewe rembo, kand’ ūshika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha, agaturuka, akaronka icanya. 10Igisuma ntikizanwa n’ikindi, atar’ ukwiba, n’ukwica, n’ugutikiza; nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busāgutse. 11#Zab 23:1; Luk 15:4-7; Yes 40:11; Ezk 34:11-23; 37:24; Yoh 15:13.Ni jewe mwungere mwiza; umwungere mwiza yigura intama ziwe. 12#Mat 10:16; Ivyak 20:29; Tit 1:11; 1 Pet 5:2, 3.Arik’ umucangero, atar’ umwungere bgite, kand’ intama atar’ iziwe, iy’ abonye ibingira rije, ata intama, agahunga: ibingira rikazisahura, rikazishwiragiza. 13Arahunga, kukw ar’ umucangero, atababaye intama. 14#2 Tim 2:19.Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n’izanje ziranzi, 15#Mat 11:27.nk’uko Data anzi, nanje nkamumenya; kandi ndigura intama zanje. 16#Ezk 37:24; 34:23; Yoh 11:52; 1 Pet 2:25; Ef 4:5.Kandi mfise n’izindi ntama zitar’ izo mur’ uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n’umwungere umwe. 17#Flp 2:8, 9.Igituma Data ankunda, n’uko ndekura ubugingo bganje, ngo mpeze nsubire kubgābīra. 18#Yoh 5:26; 19:11.Nta n’umwe abunyaka, kuko mburekura kubganje: mfise ububasha bgo kuburekura, mfise n’ububasha bgo gusubira kubgābīra. Ico ni co cagezwe nahawe na Data.
19 # Yoh 7:43; 9:16. Abayuda bongera kumupfa kubg’ ayo majambo; 20#Yoh 7:20; 8:48; Mrk 3:21.benshi muri bo bat’ Arimwo dayimoni, kandi yāsaze: mumwumviririza iki? 21Abandi bat’ Ereg’ ayo majambo si nk’ay’ ūhagazweko na dayimoni: mbega dayimoni arashobora guhumūra amaso y’impumyi?
Yesu na Se n’umwe
22Maze haza imisi mikuru yo kwibuka uguhumanurwa kw’ urusengero i Yerusalemu: hāri mu rushana. 23#Ivyak 3:11; 5:12.Yesu agendagenda mu rusengero mw ibaraza rya Salomo. 24#Luk 22:67.Abayuda baramukikiza, baramubaza, bat’ Uzogeza ryari gutera imitima yacu kujuragira? Asangw’ uri Kristo bidufoborere. 25#Yoh 4:26; 5:36; 9:37.Yesu arabishura, ati Narababgiye, ariko ntimwizera: ibikorwa nkora mw izina rya Data, ni vyo binshingira intahe. 26#Yoh 6:64; 8:45.Ariko ntimwizera, kuko mutar’ abo mu ntama zanje. 27#Yoh 8:47; 10:3, 4.Abābaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira, 28#Yoh 5:28; 6:39; 17:12; 18:9.kandi nanje mbaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje. 29Data yabampaye ni we aruta bose; nta wushobora kubashikura mu kuboko kwa Data. 30Jewe na Data tur’ umwe.
31 # Yoh 8:59. Bun’ Abayuda bongera gutora amabuye, ngo bayamutere. 32Yesu arababgira, ati Naberetse ibikorwa vyiza vyinshi bivuye kuri Data, ikibanteresha amabuye mur’ ivyo bikorwa n’ikihe? 33#Yoh 5:18; Mat 26:65.Abayuda baramwishura, bati Ntituguterera amabuye kubg’ igikorwa ciza, ariko n’uko warogose; kuko wewe ur’ umuntu ukīgira Imana. 34#Zab 82:6.Yesu arabishura, ati Mbega ntihanditswe mu vyagezwe vyanyu, ngo Navuze nti Mur’ imana? 35#Mat 5:17, 18.None ko yabise imana, bamwe ijambo ry’Imana ryashitseko (kand’ ivyanditswe ntibishobora guhinduka), 36#Yoh 5:17-20.mwebge mubgira mute uwo Data yejeje, akamutuma mw isi, ng’ Urarogose, kuko navuze nti Nd’ Umwana w’Imana? 37Asangwa ntakora ibikorwa vya Data, ntimunyemere; 38ariko ni nabikora, naho jewe mutanyemera, mupfe kwemera ibikorwa, kugira ngo mumenye, mutahure, yuko Data ari muri jewe, nanje nkaba muri Data. 39#Yoh 8:59; Luk 4:30.Nuko bongera kurondera ingene bomufata, abava mu maboko.
40 # Yoh 1:28. Avayo, yongera kuja hakurya ya Yorodani, ha hantu Yohana yabatiriza ubga mbere, agumayo. 41Benshi baza kuri we; baravuga, bati Yohana nta kimenyetso yakoze, arikw ivyo Yohana yavuze vyose kur’ uyu vyar’ ivy’ ukuri. 42#Yoh 8:30.Kandi benshi bamwizererayo.

انتخاب شده:

Yohana 10: RUN1967

های‌لایت

به اشتراک گذاشتن

کپی

None

می خواهید نکات برجسته خود را در همه دستگاه های خود ذخیره کنید؟ برای ورودثبت نام کنید یا اگر ثبت نام کرده اید وارد شوید